Ukuntu twogumana umwete
1 Ishaka Apolo yarangurana ubusuku bwiwe ryoshobora kutwibutsa ivyerekeye abakirisu bagenzi bacu bo muri kino gihe bafise canecane umwete mu gikorwa co kwamamaza (Ivyak. 18:24-28). Yamara rero, twese dukeburwa duti: “Ku vy’ugushishikara, ntimugire urwangara; [“nimururumbe impwemu”, NW]” (Rom. 12:11). Ni igiki codufasha kugirira umwete ubusuku bwa gikirisu no kuwugumana?
2 Wongerezwa n’ubumenyi: Yezu amaze kubonekera babiri mu bigishwa biwe “a[ka]basobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we,” bavuze bati: “Mbeg’imitima yacu [nti]yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira”? (Luka 24:27, 32). Cokimwe n’abo bigishwa, imitima yacu ntirurumbamwo akanyamuneza iyo turushirije gutahura Ijambo ry’Imana? Ni vyo, ukwizera kwongerezwa n’ubumenyi. Mu Baroma 10:17 hasigura hati: “Ukwemera kuva ku kwumva”. Igihe imitima yacu yuzuye ukwizigira ivyo Yehova yasezeranye, emwe duca twumva tudashobora kureka kuvuga ivyo twize!—Zab. 145:7; Ivyak. 4:20.
3 Ntitwokwitega ko ubumenyi twaronse igihe twariko turiga ari bwo buzotuma urukundo dukunda Imana ruguma rukomeye ngo bwongere butume umwete dufitiye umurimo wayo uguma ururumba. Dutegerezwa kubandanya kurushiriza gutahura ukuri no kwongereza urukundo dukunda Yehova. Ahandi ho, umurimo tumurangurira wohava ugenda buhorobuhoro uracika uwo guheza umwuga (Ivyah. 2:4). Ijambo ry’Imana riduhimiriza kubandanya ‘dusagarara mu bumenyi bw’Imana’.—Kol. 1:9, 10, UB.
4 Utumenyero dufise two kwiyigisha: Ku bw’ivyo, ni vyiza ko dusuzuma utumenyero dufise two kwiyigisha. Nk’akarorero, hari aho twoba dushoboye guca akarongo canke gushira akamenyetso ku nyishu zo mu kiganiro co kwiga co mu Munara w’Inderetsi tukaba kandi dushoboye gutanga inyishu nziza. Ariko none, twoba dusoma ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo tukongera tukazirikana ku kuntu nya mayagwa twoyashira mu ngiro mu buzima bwacu? Ku bijanye n’ugusoma Bibiliya kw’umushamvu, twoba tugerageza kugira ubushakashatsi bwiyongereye igihe uko ivyacu vyifashe vyoba bidukundira, tukongera tukazirikana ku vyigwa biri muri ubwo busomyi (Zab. 77:11, 12; Imig. 2:1-5)? Urazi ukuntu ari ngirakamaro kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana no kuryamamwo (1 Tim. 4:15, 16)! Mwene ukwo kwiga mu buryo bwimbitse kuzogaburira imitima yacu kwongere kuduhe inguvu zo kugira “ishaka ry’ibikorwa vyiza”.—Tito 2:14.