Duhimbarwe no kwiga igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
1 Ikintu cari giteye umunezero ku Mahwaniro y’Intara yataziriwe ngo: “Ukugamburuka gushimwa n’Imana”, ni isohorwa rya ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Tugiye kuza turagikoresha mu murimo wo mu ndimiro, canecane mu kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ku bw’ivyo rero, dukwiye kuba tuzi neza ico gitabu gishasha. Ivyo bizoshoboka kubera ko tuzociga mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero guhera ku ndwi itangura ku wa 17 Ndamukiza 2006.
2 Umucungezi w’Inyigisho y’igitabu y’ishengero azosaba abumviriza barabire hamwe ibibazo biri mu ntango y’ikigabane ico ari co cose. Inyigisho izoheza irongorwe mu gukoresha ibibazo biri amaja epfo ku mpera y’urupapuro. Ivyanditswe vy’ishimikiro bizosomwa vyongere biganirweko, uruzitiro na rwo rugira ruti: “Ivyo Bibiliya yigisha” ruri ku mpera y’ikigabane kimwekimwe cose ruzofasha mu kugira isubiramwo ry’ivyo mwariko muriga, kubera ko rurimwo inyishu zishingiye ku Vyanditswe z’ibibazo vy’intangamarara vy’ico kigabane. Uzohimbarwa no gutanga insasanuro kubera yuko ico gitabu kivuga ibintu mu buryo butomoye, bworoshe, kandi kikaba kiryoshe.
3 Amayagwa y’inyongera y’ico gitabu arimwo ibintu vy’ido n’ido vyerekeye ibiganiro bitandukanye. Tuzoshobora gukoresha ayo mayagwa igihe abatohoji ba Bibiliya bazoba bakeneye ayandi makuru ku kiganiro kanaka. Mu gihe c’Inyigisho y’igitabu y’ishengero hazoza hararimburwa ibice kanaka vy’amayagwa y’inyongera. Uwusoma ku Nyigisho y’igitabu, azosoma amayagwa y’inyongera yose y’ikiganiro kanaka, kandi ibiganiro birebire bizoshobora kurimburwa mu bicebice. Mu mayagwa y’inyongera, mwene vya bibazo bikoreshwa mu gihe c’inyigisho ntabihari. Naho biri ukwo, umucungezi azoshobora gutuma abazoba bahari, bagira ico bavuze mu kubaza ibibazo bishimika ku vyiyumviro bikurubikuru.
4 Ntituzorandira mu kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero. Twiteze yuko mu gihe tuzoba turiko turigisha ico gitabu gishasha abandi, tutazogenda turanyaruka nk’uko tuzobigira mu nyigisho y’igitabu, na canecane mu gihe abo twigisha ata bumenyi bafise canke bafise buke ku vyerekeye Bibiliya (Ivyak. 26:28, 29). Mu gihe c’inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, bizodusaba kuganira ku vyanditswe mu buryo bunogangije, dusigure uburorero, n’ibindi. Ku bw’ivyo rero, niwishingire umugambi wo kwitaba iyo nyigisho y’igitabu ku ndwi ku ndwi, wongere ugire uruhara bimwe bishitse mu nyigisho y’ico gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?