ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/05 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 12/05 rup. 7

Amatangazo

◼ Kigarama: Nimushikirize igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mudafise ico gitabu, mwoshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, nimba biriho mu bubiko bw’ishengero. Murashobora kandi gushikiriza Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Nzero 2006: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 casohowe imbere yo mu 1991 coshobora gushikirizwa. Amashengero adafise ibitabu vya kera nk’ivyo yoshobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu nimba kiriho mu bubiko bw’ishengero. Mwoshobora gushikiriza kandi Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Ruhuhuma: Hazoshikirizwa igitabu Niwiyegereze Yehova. Amashengero adafise ico gitabu yoshobora gushikiriza ikindi gitabu ca kera kiboneka mu bubiko bw’ishengero. Ariko kandi mwoshobora gushikiriza Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Ntwarante: Hazoshikirizwa ca gitabu gishasha Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Hazogirwa utwigoro tudasanzwe two gutanguza inyigisho za Bibiliya.

◼ Guhera ku ndwi itangura ku wa 17 Ndamukiza 2006, mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero tuzokwiga ca gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Ico gihe amashengero akwiye kuba afise ibitabu bikwiye.

◼ Udukaratasi tw’ubutumire bw’Icibutso two mu 2006 tuzorungikwa vuba.

◼ Turabamenyesheje yuko Icibutso co mu mwaka wa 2007 kizoba ku musi wa mbere, igenekerezo rya 2 Ndamukiza, izuba rirenze. Ivyo bimenyeshejwe hakiri kare kugira abavukanyi bashobore gutegekanya ibikenewe mu vyo gukotesha ibibanza igihe hoba hariho amashengero menshi akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, bikaba ngombwa yuko haronderwa izindi nyubakwa. Muri mwene ivyo bihe, abakurambere bakwiye kuja inama na bene inyubakwa kugira barabe neza ntihagire ibindi bizozikorerwamwo vyohava bibadurumbanya, kugira ngo ihimbazwa ry’Icibutso ribe mu mahoro no mu rutonde.

◼ Kubera yuko urwo rubanza ruhambaye, inama y’abakurambere ikwiye guhitamwo umwe mu bakurambere babishoboye kuruta akaba ari we ashikiriza insiguro y’Icibutso, aho kuja barahana imbu gusa canke kwama bakoresha umuvukanyi umwe wenyene uko umwaka utashe. Nimba hariho umukurambere wo mu basizwe ashoboye gushikiriza iyo nsiguro, akwiye kuba ari we ahabwa kuyishikiriza.

◼ Nimba bishoboka, ku wa 31 Kigarama 2005 canke inyuma gato y’iryo genekerezo, mukwiye kugira itondanuzwa rigirwa uko umwaka utashe ry’ibisohokayandikiro vyose be n’ibinyamakuru vyose mufise. Iryo tondanuzwa risa na rimwe umuhuzabikorwa w’ibisohokayandikiro yama agira ku kwezi ku kwezi, kandi ibitigiri vyose hamwe bikwiye gushirwa kuri rwa rukaratasi rw’Itondanuza ry’ibisohokayandikiro (S-18). Igitigiri c’ibinyamakuru vyose mufise muzogihabwa n’uwujejwe (abajejwe) ibinyamakuru. Umunyamabanga w’ishengero mpuzabikorwa akwiye kuba ari we ahagarikira iryo tondanuzwa. Uwo munyamabanga be n’umucungezi muhagarikizi w’ishengero mpuzabikorwa ni bo bazoshira umukono kuri urwo rukaratasi. Ishengero mpuzabikorwa rimwerimwe ryose rizohabwa inkaratasi zitatu z’Itondanuza ry’ibisohokayandikiro (S-18). Turabasavye urukaratasi rwo hejuru mururungikire ibiro vy’ishami hatarenze kw’igenekerezo rya 6 Nzero. Muragumane ikopi imwe yo gushira muri dosiye. Ikopi igira gatatu ni yo muzoja murakoresha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika