Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 26 Kigarama 2005. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 7 Munyonyo gushika ku ndwi itangura ku wa 26 Kigarama 2005. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.]
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Twokora iki kugira twiyemeze neza yuko uguhimiriza kwacu kwagizwe “kubg’urukundo”? (Flm. 9) [be rup. 266]
2. Ni mu buryo ubuhe dushobora ‘guhimiriza mu nyigisho nzima’? (Tito 1:9, UB) [be rup. 266 ing. 5–rup. 267 ing. 1]
3. Ni kubera iki bihambaye ko insiguro zacu ziba iziremesha, kandi twobigenza gute? [be rup. 268 ing. 1-3, uruzitiro]
4. Mu kwigana Musa, igihe dufasha abandi kwibuka ivyo Yehova yakoreye abasavyi biwe, ni mu buryo ki biremesha? (Gus. 3:28; 31:1-8) [be rup. 268 ing. 5–rup. 269 ing. 2]
5. Ni kubera iki, igihe tuvuga mu buryo bwerekana ko duhimbarwa n’ivyo Yehova ariko arakora muri iki gihe be n’ivyo azokora muri kazoza, biremesha abatwumviriza? [be rup. 269-271]
IKIGANIRO NO. 1
6. Impinduro yitwa Septante ni iki, kandi ni kubera iki ifitiye akamaro kanini abakirisu? [bsi05 rup. 15 ing. 12, 14]
7. Abamasoreti bari bande kandi ni ikintu ikihe gihambaye baterereye ku vyerekeye uguhindura Bibiliya mu zindi ndimi? [bsi05 rup. 18 ing. 18; rup. 19 ing. 20-21]
8. Ni impinduro iyihe yabaye igisomwa c’ishimikiro cakoreshejwe mu guhindura mu congereza igice c’Ivyanditswe vy’igiheburayo ca ya Bibiliya yitwa Traduction du monde nouveau, kandi ni kubera iki iyo Bibiliya ivugwa ko ari iy’ukuri kandi ko ari iyo kwizigirwa? [bsi05 rup. 22 ing. 28, 30]
9. Ni mu buryo ki abakirisu bo mu ntango berekanye icipfuzo gikomeye bafise co kumenyekanisha Ijambo ry’Imana? [bsi05 rup. 23, 24 ing. 1-5]
10. Ivyigwa bigirwa ku vyandikano vy’iminwe biboneka muri iki gihe be no ku bisomwa vy’Ivyanditswe Vyeranda bihishura iki ku vyerekeye Bibiliya? [bsi05 rup. 30 ing. 32]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Ni kubera iki mu kwubaka aho igikarabiro citwa ikiyaga cateretswe hakoreshejwe ibishushanyo vy’amapfizi? (2 Ngo. 4:2-4)
12. Imvugo ngo “isezerano ry’umunyu” isobanura iki? (2 Ngo. 13:5, muri Bibiliya Yera, akajambo k’epfo)
13. Igihe abasavyi b’Imana bazoterwa na Gogi w’i Magogi, tuzobigenza gute twisunze amajambo dusanga muri 2 Ngoma 20:17?
14. Ni kubera iki Yerobowamu yatanguje ivyo gusenga inyana muri bwa Bwami bwa Isirayeli? (2 Ngo. 11:15) [w04 15/11 rup. 22 ing. 8]
15. Soma muri 2 Ngoma 19:3. Ni kubera iki Yehoshafati yabwiwe ayo majambo, kandi ni icigwa ikihe twohigira? [cl rup. 245, ing. 12]