Amatangazo
◼ Munyonyo: Nimushikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba abantu bavuze ko badafise abana, nimubashikirize igitabu Ubumenyi canke ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?. Kigarama: Nimushikirize igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mudafise ico gitabu, mwoshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi, nimba biriho mu bubiko bw’ishengero. Murashobora kandi gushikiriza Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Nzero 2006: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 casohowe imbere yo mu 1991 coshobora gushikirizwa. Amashengero adafise ibitabu vya kera nk’ivyo yoshobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu nimba kiriho mu bubiko bw’ishengero. Mwoshobora gushikiriza kandi Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Ruhuhuma: Hazoshikirizwa igitabu Niwiyegereze Yehova. Amashengero adafise ico gitabu yoshikiriza ikindi gitabu ca kera kiboneka mu bubiko bw’ishengero. Ariko kandi mwoshobora gushikiriza Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye kugenzura amakonte y’ishengero ku wa 1 Kigarama canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Niba hari ikonte yo muri banke mufise igenewe ibindi bintu, nk’ibijanye n’ibungabunga ry’ibintu canke ubwubatsi, hakwiye no kugirwa intunganyo zo kuyigenzura. Iryo genzura rimaze kurangira, bikwiye gutangarizwa ishengero muri raporo y’ivy’amakonte izoshikirizwa ubutaha.
◼ Umunyamabanga w’ishengero rimwerimwe ryose rifise Ingoro y’Ubwami, arakwiye gusuzuma nimba Ingoro yabo yarakuweko amakori atangwa igihe haguzwe ubwatsi be n’uko yakuweko amakori y’agataka, aho ivyo bigirwa.
◼ Kw’Ikoraniro ry’umurimo rimwe ryo muri Nzero 2006, hazorimburwa ya videwo ivuga ngo “Soigner sans transfuser: besoins et droits du patient” (Ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa). Nimba bikenewe, murakwiye gusaba hakiri kare bishoboka amakasete y’iyo videwo mubicishije kw’ishengero ryanyu.