Isubiramwo ry’Umusi w’iteraniro ridasanzwe
Aya mayagwa azokoreshwa muri porogarama y’Ikoraniro ry’umurimo gatoyi imbere y’uko ishengero ryitaba umusi w’iteraniro ridasanzwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2006 be n’inyuma yaho gatoyi. Umucungezi muhagarikizi azotunganya ivy’uko ayo mayagwa yihwezwa imbere y’igihe be n’uko hagirwa isubiramwo nk’uko bivugwa mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Myandagaro 2004, ku rupapuro rwa 2. Mu gihe c’isubiramwo, ibibazo vyose bikwiye kubazwa, hagashimikwa ku kuntu twoshira mu ngiro ivyashikirijwe.
IKIRINGO CO MU GITONDO
1. Kugumana ijisho riremuruye bisobanura iki, kandi ni kubera iki bitoroshe muri iki gihe? (“Ni kubera iki woguma uremuruye ijisho ryawe?”)
2. Twungukira gute ku kugumana ijisho riremuruye? (“Nugume uremuruye ijisho ryawe maze wironkere imihezagiro”)
3. Ni akaga nyabaki ibikorwa vyitwa ko ari ibisanzwe bitera? (“Tugume turemuruye ijisho ryacu mw’isi mbi”)
IKIRINGO CO KU MUHINGAMO
4. Abavyeyi be n’abandi bantu boremesha gute abakiri bato gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu? (“Abavyeyi batumbereza neza imyampi yabo” na “Urwaruka rwishingira imigambi yo mu vy’impwemu”)
5. Twojana gute n’ishirahamwe rya Yehova (a) umwe wese ku giti ciwe? (b) uko tugize imiryango? (c) uko tugize ishengero? (“Nugume urondera kujana n’ishirahamwe rya Yehova”)