Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Umurimo wo mu ndimiro w’abo mu muryango
1 Yehova arahimbarwa no kubona urwaruka rushemeza izina ryiwe (Zab. 148:12, 13). Mu misi ya Yezu, n’ ‘abana bato be n’abonka barashemeje’ Imana (Mat. 21:15, 16). Ibisa n’ivyo biriko biraba no muri iki gihe. Bavyeyi, mushobora gute gufasha abana banyu kugira ngo nibakura bazobe abashemeza Yehova babigirana umwete, mu murimo wa gikirisu? Nk’uko vyashimitsweko muri ico kiganiro kiri aho haruguru cerekeye amakoraniro y’ishengero, ikintu nyamukuru gifasha muri ivyo ni akarorero mutanga. Sebibondo umwe yavuze nk’ivyo abavyeyi benshi bavuga, igihe yagira ati: “Abana ntibakora ibintu bakurikije ivyo uvuga, ahubwo babikora barabiye ku vyo ukora”!
2 Hari umuvukanyikazi yarezwe n’abavyeyi batinya Imana yiganye ati: ‘Ntaho twigera tugira uwa gatandatu mu gitondo tuvyuka tubaza ko twoba tuja kugenda mu ndimiro. Twaba tuzi ko tugenda’. Muri ubwo buryo nyene, urashobora kwinjiza mu bana bawe akamaro k’igikorwa co kwamamaza mu gukurikiza porogarama ntabanduka yo ku ndwi ku ndwi yo kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro uko mugize umuryango. Ivyo ntibituma gusa abana bigira ku kubihweza, ariko kandi bituma mushobora kwitegereza agatima bagaragaza, inyifato yabo be n’ubuhanga buriko burakura muri bo.
3 Kubamenyereza bukebuke: Kugira ngo abana banezererwe umurimo, bikenewe ko bategurwa be n’uko mu vy’ukuri bawugiramwo uruhara. Wa muvukanyikazi duhejeje kuvuga yavuze kandi ati: “Ntitwigera tuba abarorerezi gusa baherekeza abavyeyi mu gikorwa cabo. Twari tuzi ko na twe hari ico tuza guterera, naho kwoba gusa ari ukuvuza agakengeri ko kw’irembo canke gusigira umuntu agakaratasi k’ubutumire. Kubera ko twitegura neza imbere yo kuja mu bikorwa mu mpera y’umushamvu uwo ari wo wose, twaba tuzi ico dukwiye kuvuga”. Muri ubwo buryo, murashobora kumenyereza abana banyu mu gufata buri ndwi iminuta mikeyi yo kubafasha kwitegurira umurimo, mukabigira mu gihe c’inyigisho y’umuryango canke mu kindi gihe.
4 Kwamamaza mu muryango biraguha akandi karyo ko kwinjiza ukuri mu bana bawe. Sebibondo umwe w’umukirisu yarakunda kujana n’umukobwa wiwe igihe baba bariko baragenda mu kabande gakurikira akabo ku bilometero 10, kugira ngo bahe abantu udupapuro tw’inkuru nziza. Yibukana akamwemwe ibi: “Muri ico gihe twaba turiko tujayo canke tuvayo ni ho dawe yinjiza ukuri mu mutima wanje” (Gus. 6:7). Na wewe turakwipfurije umuhezagiro ku kuntu ushira umurimo wo mu ndimiro mu rutonde rw’ibikorwa umuryango wanyu ukora ku ndwi.