Koresha neza ka gatabu Inzira Ijana mu Buzima
1 Abenshi mu bantu bo mu cibare dukoreramwo ntibameze nk’abo mu yindi mihingo y’isi. Bobo usanga bagifise agatima ko gukunda ivy’Imana. Benshi boshobora kuba bisunga imigenzo y’idini ijanye n’ugusenga aba kera be n’ivy’amageza. Iyo migenzo yarashinze imizi mu nyigisho z’ikinyoma zerekeye umutima w’ubwenge udapfa be n’impwemu. Naho agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? be n’agatabu Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! twabaye kirumara cane, ntiduca irya n’ino cane ivyo bibazo. Kuri ya mahwaniro y’intara twagira mu 2002, twararonse igikoresho gishasha kigenewe canecane gufasha mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa muri Afirika, ico na co kikaba ari ka gatabu Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye? Woba uhora ugakoresha neza?
2 Uburyo bwo kugakoresha: Hari abibajije ukuntu ako gatabu gashasha gakwiye gukoreshwa mu busuku. Twoba dushobora kugatanguzamwo inyigisho za Bibiliya? Ego cane. Muri Tanzaniya, umucungezi umwe w’umuzunguruko yariko yamamaza inzu ku nzu aherekejwe n’uwundi muvukanyi, ahura n’umutegetsi umwe wo muri ako karere, aca arabaha ikaze. Kera, uwo mutegetsi yahora arwanya Ivyabona, mugabo yari yaraturuye kuva aho Ingoro y’Ubwami yubakiwe muri ako karere. Uwo mucungezi w’umuzunguruko akoresheje uburyo burashe, yaramusavye ngo batangure inyigisho ya Bibiliya mu cigwa ca 4 c’ako gatabu kivuga ngo “Basokuruza Bacu Bari Hehe?”. Barize ico cigwa cose, be n’ivyabonywe biri ku rupapuro rwa 14. Bahejeje, nya mutegetsi yavuze ati: “Iki gitabu ni ciza pe! Kiradondora neza na neza ingorane dufise izo ari zo. Emwe, abantu bose bo muri aka karere bakwiye kugisoma. Ni ciza ntiworaba!”. Uwo mutegetsi yaciye asaba ashimitse mukuruwe yari yaje kumuramutsa ngo yicare asome nya cigwa. Yamubwiye ati: “Kiraza kukubwira ibintu vyose dukora hano iwacu congere kigufashe kureka kubikora”. Mumaze kurangiza agatabu Inzira Ijana mu Buzima, vyoshobora kuba vyiza mubandanirije mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kugira ngo uwo mutohoji wa Bibiliya amenye inyifato ishimwa n’Imana.
3 Kumbure waramaze gutangura kwigana n’umuntu mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, mugabo uwo muntu mwigana akaba afise ibibazo bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe. Kubera iki utofata nk’indwi zibiri canke zitatu mukiga icigwa ca 3 kivuga ngo “Ni Bande Baba mu Karere k’Impwemu?”, be n’icigwa ca 4 kivuga ngo “Basokuruza Bacu Bari Hehe?”. Canke niba afise ibibazo bijanye n’ivy’ubupfumu, mwoshobora no kurimbura icigwa ca 5 kivuga ngo “Ico Womenya ku Vyerekeye Amageza, Uburozi n’Ubupfumu”. Muhejeje, mwoshobora guca mubandanya kwiga mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Ako gatabu Inzira Ijana mu Buzima karavuga mu buryo bwagutse itandukaniro riri hagati y’ugusenga kw’ukuri n’ugusenga kw’ikinyoma, kandi twoshobora kugakoresha mu gufasha abatohoji kubona yuko bikenewe kuva muri Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma.—Ivyah. 18:2, 4.
4 Ukuntu twogashikiriza: Agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago karatanga inama ngirakamaro munsi y’umutwe uvuga ngo “Amajambo Ntanguzakiyago Yo Gukoresha mu Gikenurwa co mu Ndimiro”. N’igitabu Comment raisonner kiratanga inama ngirakamaro munsi y’imitwe ivuga ngo “Culte des ancêtres”, “Âme” na “Esprit”. Izo nama twoshobora kuzikoresha kugira dushikirize agatabu Inzira Ijana mu Buzima. Fata nk’akarorero izi zikurikira:
◼ Woshobora kubaza uwo muyaga uti: “Woba warigeze kwibaza uti: Urupfu rwoba ari ryo herezo rya vyose? Canke hoba hari ikindi kintu umuntu yokwitega inyuma yo gupfa?”. [Rindira yishure.] “Bibiliya iratomora ikibazo cose twoba dufise ku vyerekeye urupfu” (Soma Umusiguzi 9:5, 10.). Nuce uzingurura agatabu Inzira Ijana mu Buzima, ku rupapuro rwa 13, muce muyaga ku gatwe kavuga ngo “Uko Abapfuye Bamerewe”.—Agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, urupapuro rwa 5.
◼ Canke woshobora kubaza uti: “Woba uribaza ivyerekeye ba sokuruza bacu bapfuye? Bari hehe? Boba bashobora kudufasha canke kutugirira nabi?”. [Rindira yishure.] “Raba ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye abapfuye, muri Zaburi ya 49” (Soma Zaburi 49:10, 17-19.). Nimuce muyaga ku cigwa ca 4 co mu gatabu Inzira Ijana mu Buzima.—Igitabu Comment raisonner, urupapuro rwa 81 (mu giswahili, ni urupapuro rwa 89).
5 Bafashe batore ya nzira: Yezu yavuze ko abantu bakeya gusa ari bo botoye ‘inzira ijana mu buzima’ (Mat. 7:13). Urazi ukuntu duhimbawe kubona hari uwadufashije kuyitora! Vyongeye, urazi ukuntu tunezerwa igihe dushoboye gufasha uwundi muntu na we agacika umwigishwa wa Yezu, afise icizigiro c’ubuzima budahera (1 Tes. 2:19)! Agatabu Inzira Ijana mu Buzima ni igikoresho ciza cane kigenewe kudufasha muri ico gikorwa ndokorabuzima. Nimuze tugakoreshe neza.