Igice ca 8: Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere
Kuyobora abatohoji ba Bibiliya kw’ishirahamwe
1. Ni kubera iki ari ngirakamaro ko umutohoji wa Bibiliya tumubwira ikintu kanaka cerekeye ishirahamwe rya Yehova ku ndwi ku ndwi igihe twize?
1 Ihangiro tuba dufise igihe turongora inyigisho za Bibiliya si iryo guha abatohoji amakuru ajanye n’inyigisho gusa, ariko kandi harimwo n’ukubafasha gucika abo mu bagize ishengero rya gikirisu (Zek. 8:23). Ka gatabu Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera Ibiki? karashobora kudufasha gushika kuri ico kintu. Nuhe ako gatabu abatohoji ba Bibiliya bashasha hanyuma ubaremeshe kugasoma. Vyongeye, ku ndwi ku ndwi igihe mwize n’umutohoji wa Bibiliya, nuze urafata umwanya w’iminuta mikeyi wo kuganira na we ikintu kanaka cerekeye ishirahamwe rya Yehova.
2. Ushobora gute kuremesha abatohoji ba Bibiliya kwitaba amakoraniro y’ishengero?
2 Amakoraniro y’ishengero: Uburyo nyamukuru bushobora gufasha abatohoji ba Bibiliya gutahura no guha agaciro ishirahamwe rya Yehova ni mu kwifatanya natwe ku makoraniro y’ishengero (1 Kor. 14:24, 25). Ku bw’ivyo rero, woshobora gutangura kubamenyereza ibijanye n’ayo makoraniro mu kubasigurira ivya ya makoraniro atanu tugira ku ndwi ku ndwi, ukaza urabasigurira ikoraniro rimwerimwe uko muyaze. Nuvuge umutwe-shimikiro w’insiguro izoshikirizwa ubutaha. Bereke amayagwa azorimburwa mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi no mu Nyigisho y’igitabu y’ishengero. Basigurire Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo. Igihe ufise ikiganiro uzoshikiriza mw’ishure, woshobora kumbure kugisubiramwo uri kumwe na bo. Babwire ivyiyumviro nyamukuru vyashikirijwe mu makoraniro. Koresha amashusho ari mu bitabu vyacu kugira ubafashe kumera nk’ababona mu bwenge ingene bigenda. Mugitangura kwiga ari bwo bwa mbere, batumire ku makoraniro.
3. Ni ibintu ibihe bijanye n’ishirahamwe twoshobora kuyaga n’abatohoji ba Bibiliya?
3 Nimba hegereje Icibutso, amateraniro, amahwaniro canke ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko, fata akanya gatoyi ko kubasigurira izo ntunganyo no gutuma barushiriza kuzigirira igishika. Buhorobuhoro, nuze urishura ibibazo nk’ibi: Ni kubera iki twitwa Ivyabona vya Yehova? Ni kubera iki ibibanza tugiriramwo amakoraniro tuvyita Ingoro z’Ubwami? Abakurambere be n’abakozi b’ishengero barangura amabanga ayahe? Igikorwa co kwamamaza be n’ibijanye n’icibare biringanijwe gute? Ibitabu vyacu bihingurwa gute? Amahera ishirahamwe rikoresha ava he? Ibiro vy’ishami be n’Inama Nyobozi bifise uruhara uruhe mu bijanye n’ugucungera igikorwa?
4, 5. Amavidewo yacu ashobora gute gutuma abantu barushiriza gutahura no guha agaciro ishirahamwe?
4 Amavidewo yigisha: Ubundi buryo bwoshobora gufasha abatohoji ba Bibiliya gutahura ishirahamwe rya Yehova ryiza igitangaza ni ugukoresha amavidewo yacu. Ya videwo ivuga ngo Jusqu’aux extrémités de la terre (Gushika ku mpera y’isi) irashobora kubereka igikorwa turangurira kw’isi yose, ya yindi na yo ivuga ngo Toute la communauté des frères (Umuryango wacu wose w’abavukanyi) ikabereka ikivukano cacu gikwiye kw’isi yose, imwe yindi na yo ivuga ngo Unis grâce à l’enseignement divin (Barafatanye mu nda bivuye ku nyigisho iva ku Mana) ikabereka ubumwe Ivyabona vya Yehova bafitaniye. Hari umugore umwe yari amaze imyaka itanu aronka ibinyamakuru vyacu be n’ibindi bisohokayandikiro yakozwe ku mutima na ya videwo ivuga ngo Les Témoins de Jéhovah:un nom, une organisation (Ivyabona vya Yehova—Ni izina n’ishirahamwe) gushika n’aho akorora amosozi. Yari yarashitse ku kwizigira Ivyabona bamugendera, mugabo aho amariye kuraba iyo videwo, yarabonye yuko ashobora no kwizigira ishirahamwe ryabo. Ivyabona vya Yehova baratanguye kwiga nya kwiga na we Bibiliya, maze mu ndwi ikurikira aritaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami.
5 Tugiye turafata iminuta mikeyi ku ndwi ku ndwi yo kuyaga n’abo twigana Bibiliya, tugakoresha ibikoresho twaronkejwe, turashobora buhorobuhoro kuyobora abatohoji ba Bibiliya kw’ishirahamwe rimwe rudende Yehova ariko akoresha muri iki gihe.