Amatangazo
◼ Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 cacapuwe ku mpapuro zigenda zirahishira canke zigenda zirahindura ibara kubera ubusaza, canke igitabu ico ari co cose casohowe imbere yo mu 1990 coshobora gushikirizwa, be na Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo. Amashengero adafise na kimwe muri ivyo bitabu vya kera yoshobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu. Ruhuhuma: Igitabu Niwiyegereze Yehova ni co kizoshikirizwa. Ntwarante: Nimushikirize agatabu Mwame mugavye!. Niba abantu berekanye ko bashimishwa koko, nimubereke igitabu Ubumenyi, hagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo n’abitavye Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, nimwitwararike canecane kubashikiriza igitabu Senga Imana. Intumbero ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, canecane ku bantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.
◼ Guhera muri Ruhuhuma kandi bitarenze ku wa 6 Ntwarante, insiguro y’icese nshasha izoshikirizwa n’abacungezi b’imizunguruko izoba ifise umutwe uvuga ngo: “Nukorane ubukerebutsi mw’isi y’ubupfu”.
◼ Amashengero akwiye kugira indinganizo zibereye zijanye n’uguhimbaza Icibutso kizoba muri uyu mwaka ku wa kane, igenekerezo rya 24 Ntwarante izuba rirenze. Naho insiguro yoshobora gutangura hakiri kare, ugutembereza ibimenyetso ntigukwiye gutangura izuba ritararenga. Murabaza kugira mumenye igihe izuba rirengerako mu karere iwanyu. Ni vyiza ko ishengero rimwerimwe ryose rihimbaza Icibutso ukwaryo. Ariko rero, hari aho ivyo bitokwama bishoboka. Aho usanga amashengero menshi asanzwe akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, kumbure ishengero rimwe canke ayarenga arashobora kurondera iyindi nyubakwa akoresha kuri uwo mugoroba. Aho bishoboka, twobagira inama yo gusiga n’imiburiburi iminuta 40 hagati y’amaporogarama, kugira ngo bose bashobore kwungukira kuri urwo rubanza bimwe bishitse. Murakwiye kwitwararika ivy’uruja n’uruza rw’imiduga be n’ivyerekeye aho kuyihagarika, mutibagiye n’ivyo kuzana no gutahukana abantu. Inama y’abakurambere ikwiye gutunganya ibintu ikurikije ibibereye aho iwanyu.
◼ Mu nomero y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante hazoba harimwo ikiganiro kizorimburwa mw’Ikoraniro ry’umurimo, kikazoba gishingiye kuri videwo ivuga ngo David—He Trusted in God (Dawidi yarizigira Imana). Iyo videwo iboneka gusa ku kadisiki kitwa DVD kavuga ngo Noah Walked With God—David Trusted in God (Nowa yagendana n’Imana—Dawidi yarizigira Imana). Murashobora guhitamwo mu ndimi umunani zikurikira ziri kuri ako kadisiki ari zo: icongereza, igifaransa, igiporotigali (co muri Berezile), igisupanyoli, igitaliyano, ikidagi, ikirusiya, n’ikiyapani. Utwo tudisiki twitwa DVD twoshobora gusabwa biciye kw’ishengero kuri komande y’ibisohokayandikiro y’ubutaha.
◼ Twagomba gutomora ibintu bimwebimwe ku bijanye n’ukuntu mwokwuzuza neza rwa rukaratasi rw’ugusabirako udupapuro two gutumira abantu kwitaba amakoraniro (S-16). Turabinginze mukoreshe inkaratasi za vuba zacapuwe kuva muri 6/01. Munsi y’ahavuga ngo “Jina la Mahali pa Mkutano” (Izina ry’ikibanza kigirirwamwo amakoraniro), hariho ahantu habiri ho gushira akamenyetso. Niba mugirira amakoraniro mu Ngoro y’Ubwami, turabinginze mushire akamenyetso muri ako kumba. Niba mugirira amakoraniro mw’ishure canke mu yindi nyubakwa, turabinginze mushire akamenyetso mu kumba kari i bubamfu y’ahavuga ngo “Mambo Mengine”, muce mwandika izina ry’iryo shure canke ry’iyo nyubakwa. Ntiducapurira utwo dukaratasi tw’ubutumire amashengero adafise inyubakwa ibereye yo kwikoranirizamwo. Ubukurikira, hariho umurongo ukurikira ahavuga ngo “Anwani ya Barabara” wuzuzwako ibijanye n’ibarabara. Intumbero y’uwo murongo ni iyo gufasha abantu bashimishijwe kumenya aho Ingoro y’Ubwami canke ikindi kibanza kigirirwamwo amakoraniro biherereye, tukaba rero tubasavye ko mutokwandika kuri uwo murongo inomero yanyu y’agasandugu k’amakete. Niba izina ry’ibarabara ata co ryofasha, mushobora kuhashira izina ry’aho hantu.