ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/04 rup. 7
  • Ibintu bikurubikuru vyabaye mu mwaka w’umurimo wa 2004

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibintu bikurubikuru vyabaye mu mwaka w’umurimo wa 2004
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 12/04 rup. 7

Ibintu bikurubikuru vyabaye mu mwaka w’umurimo wa 2004

Burundi:Muri Myandagaro, habonetse igitigiri c’agaheta gishasha c’abamamaji 5.459. Incahagati y’inyigisho za Bibiliya 13.507 ni zo zagiye zirayoborwa ku kwezi ku kwezi. Abitavye Icibutso bari 19.612. Mu gihe ca rya sekeza rimara amezi atatu ryo gukorera mu vyibare biri ukwa vyonyene, uturere dushasha tw’igihugu twarashikanywemwo inkuru nziza, haranatanguzwa n’imigwi mishasha itatu: uw’i Busoni, uw’i Mabayi n’uw’i Makamba. Mu Burundi habaye iyongerekana ry’ibice 11 kw’ijana.

Eritreya:Naho abamamaji bari mu bintu bitoroshe na gato, buri kwezi umwamamaji wese yagiye akora incahagati y’amasaha 14,6 mu murimo wo mu ndimiro, abatsimvyi bafasha na bo amasaha 55,7, abatsimvyi basanzwe na bo amasaha 75,7. Abitavye icibutso bari 1.031. Muri Eritreya habaye iyongerekana ry’ibice 2 kw’ijana.

Kenya:Muri Myandagaro, habonetse igitigiri c’agaheta gishasha c’abamamaji 19.314. Buri kwezi, hagiye harayoborwa incahagati y’inyigisho za Bibiliya zo ku muhana 30.939, umwamamaji wese akaba yagiye ararongora nk’inyigisho 1,1 buri kwezi. Ababatijwe mu mwaka w’umurimo bari 1.450. Abitavye Icibutso bari 53.779. Muri Kenya habaye iyongerekana ry’ibice 5 kw’ijana.

Sudani:Muri Sudani haratanzwe ibitabu be n’udutabu vyinshi cane, ivyatanzwe vyose mu mwaka w’umurimo bikaba vyanganye na 46.014. Abitavye Icibutso bari 6.126, ico gitigiri kikaba ari ishingiro rikomeye ry’uko muri kazoza hazoba iyongerekana. Muri Sudani habaye iyongerekana ry’ibice 4 kw’ijana.

Tanzaniya:Muri Tanzaniya harabonetse igitigiri c’agaheta gishasha c’abamamaji 13.416 mu kwezi kwa Myandagaro, haba iyongerekana ry’ibice 7 kw’ijana. Umwaka w’umurimo wa 2004 warangiye hari igitigiri c’inyigisho za Bibiliya 20.462, igitigiri c’amashengero na co kirongerekana kiva ku mashengero 361 gishika ku mashengero 401! Abitavye Icibutso bari 51.323 ugereranije n’abantu 48.630 bacitavye mu mwaka wahera. Koko, hariho imvo yumvikana yo kwitega yuko hazoboneka abamamaji bashasha benshi muri uwu mwaka w’umurimo.

Uganda:Muri Myandagaro, habonetse igitigiri c’agaheta gishasha c’abamamaji 3.743. Abantu 358 babatijwe mu mwaka w’umurimo wa 2004 ni iyongerekana ry’ibice 29 kw’ijana ugereranije n’igitigiri c’ababatijwe mu mwaka wahera. Inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zirenga 8.000 zirarongorwa ubudahorereza buri kwezi! Abitavye icibutso bari 13.248, bakaba ari incuro zirenga 3,5 igitigiri c’agaheta c’abamamaji cabonetse mu mwaka w’umurimo. Muri Uganda habaye iyongerekana ry’ibice 10 kw’ijana.

Ivyo bintu bikurubikuru biragaragaza yuko abamamaji bariko babandanya kugamburuka ibwirizwa twahawe na Yezu Kirisitu we ndongozi yacu ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa (Mat. 24:14; 28:19, 20). Yehova ariko ahezagira utwigoro tugira kandi turamukurira ubwatsi koko kubona yihutisha igikorwa uko tugenda tugana ku muhero w’uru runkwekwe rw’ibintu (Yes. 60:22). Ubu turiteganye umushasharo ibikorwa vyose vya gitewokarasi bitegekanijwe muri uwu mwaka w’umurimo wa 2005 kandi turemesheje abamamaji bose kubandanya kuba intahorereza mu busuku bwo mu ndimiro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika