Bamamaji b’Ubwami bakundwa,
Inyubakwa nini yongewe kw’icapuriro ry’i Wallkill, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ubu yararangiye kandi iriko irakoreshwa. Imashini zibiri nshasha zicapura, imwimwe ikaba ishobora gucapura ibinyamakuru 90.000 kw’isaha, zarashizwe muri iyo nyubakwa be n’iyindi mashini nshasha ishobora gukora ibitabu bifise igipfukisho kigumye bishika 120 ku munuta.
Mu cibare kiri hafi yacu ibiro vy’amashami bishasha biriko biraboneka kandi iyubakwa ryavyo rigeze ku ntambwe zitandukanye mu bihugu bukurikira: Iyubakwa ry’ibiro vy’ishami vyo mu Burundi ririko riragenda neza. Ingoro y’amateraniro be n’inyubakwa ishikiramwo ibisohokayandikiro ziramaze kurangira ku bice 90 kw’ijana, kandi ya nyubakwa y’uburaro y’amagorofa abiri ubu iriko irubakwa. Muri Gitugutu 2003, ishami ryo muri Tanzaniya ryaraguze itongo ringana na hegitari zitatu kugira hubakwe ibiro vy’ishami. Hazokwubakwa Ibiro vy’ubuyobozi bifise igorofa zibiri, be n’inyubakwa zitatu zizobamwo abanyabeteli 52. Hari n’Ingoro y’Ubwami izokwubakwa kuri iryo tongo. Mu Buganda, uruzitiro rwatanguye kwubakwa mu ntango y’ukwezi kwa Ruheshi. Iyubakwa nyaryo ry’ibiro vy’ishami ritegekanijwe gutangura mu mpera z’uyu mwaka.
Ikiringo c’Icibutso cabaye igihe c’ugukorana umwete mu cibare co muri Afirika yo mu Buseruko. Harabonetse igitigiri gishasha c’abatsimvyi bafasha be n’igitigiri gishasha c’abitavye ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba.
Twe namwe twiteganye igishika ‘kugira vyinshi dukora mu gikorwa c’Umwami’, uko dutangura umwaka w’umurimo wa 2005.—1 Kor. 15:58, NW.
Abavukanyi banyu,
Ibiro vy’ishami vyo mu Burundi, muri Kenya, muri Tanzaniya n’ivyo mu Buganda