‘Twaguke’
1. Ni ibanga irihe umwe wese muri twebwe afise?
1 Mu kivukano ca gikirisu, umwe wese muri twebwe arafise ibanga ryo gutuma haba igishika mw’ishengero (1 Pet. 1:22; 2:17). Igishika nk’ico kiza igihe ‘twaguka’ mu rukundo rurangwa ikibabarwe tugiriranira (2 Kor. 6:12, 13). Ni kubera iki bihambaye ko tumenya neza abavukanyi n’abavukanyikazi bacu?
2. Ni kubera iki bihambaye ko tugiranira ubugenzi n’abo dusangiye ukwizera?
2 Ubugenzi burarushiriza gukomera: Uko turushiriza kumenyana neza n’abo dusangiye ukwizera, ni ko turushiriza guha agaciro ukwizera kwabo, ukwihangana kwabo be n’izindi kamere nziza bafise. Utunenge twabo duca dusa n’utudahambaye kuri twebwe, maze ubugenzi bugakomera. Kubera yuko tuba tuzinanye neza, tuba rero dushoboye gukomezanya no kuremeshanya (1 Tes. 5:11). Umwe wese arashobora kubera mugenziwe “imfashanyo ikomeza” kugira tunanire utwosho tubi tw’isi ya Shetani (Kol. 4:11, NW). Turavye ukuntu iyi misi y’iherezo yuzuye imikazo, turakenguruka kubona twifitiye abagenzi beza mu basavyi ba Yehova.—Imig. 18:24.
3. Dushobora gute kubera abandi imfashanyo ikomeza?
3 Abagenzi somambike barashobora kutubera isoko ridasanzwe ry’inkomezi n’impumurizo igihe duhanganye n’ibigeragezo bikaze (Imig. 17:17). Umukirisukazi umwe yanyinyanye n’inyiyumvo zo kwumva ko ata co amaze, yibuka ibi: “Hariho abagenzi banyagira ibintu vyiza binyerekeye kugira bamfashe gutsinda ivyiyumviro bica intege nari mfise”. Abagenzi nk’abo ni umuhezagiro uva kuri Yehova.—Imig. 27:9.
4. Dushobora gute kurushiriza kumenya abandi mw’ishengero?
4 Nugaragaze ko witwararika abandi: Dushobora gute kwaguka mu rukundo rurangwa ikibabarwe tugaragariza abo dusangiye ukwizera? Uretse ukuramutsa abandi ku makoraniro ya gikirisu, nugire akigoro ko kugiranira na bo ikiyago kiri n’ico kivuze. Utarinze kwisuka mu bintu vyabo bwite, nugaragaze ko ubitwararika (Flp. 2:4; 1 Pet. 4:15). Ubundi buryo bwo kugaragaza ko witwararika abandi, ni ukubatumira mugasangira akajumbu (Luka 14:12-14). Canke woshobora kuringaniza ivy’uko mukorana mu busuku bwo mu ndimiro (Luka 10:1). Igihe twibwiriza kugira turushirize kumenya abavukanyi bacu, turaremesha ubumwe mw’ishengero.—Kol. 3:14.
5. Uburyo bumwe twokwongereza abo tugira abagenzi ni ubuhe?
5 Twoba duhengamira ku gutora abagenzi somambike mu bo tunganya imyaka gusa canke mu bakunda nk’ivyo dukunda? Ntidukwiye kureka ngo ibintu nk’ivyo bitubuze gutsimbataza ubugenzi mw’ishengero. Dawidi na Yonatani, cokimwe na Rusi be na Nawomi baragiraniye ubugenzi bukomeye, naho bari batandukanye mu myaka no mu vyo bakuriyemwo (Rusi 4:15; 1 Sam. 18:1). Woba ushobora kwongereza abo ugira abagenzi? Kubigenza gutyo birashobora kuzanira umuntu imihezagiro atari yiteze.
6. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku kwaguka mu rukundo rurangwa ikibabarwe tugaragariza abavukanyi bacu?
6 Twagutse mu rukundo rurangwa ikibabarwe tugaragariza abandi, turakomezanya tukongera tukaremesha amahoro mw’ishengero. Vyongeye, Yehova ubwiwe araduhezagira kubera tugaragariza urukundo abavukanyi bacu (Zab. 41:1, 2; Heb. 6:10). Ni kubera iki none utokwishingira umugambi wo kurushiriza kumenyana na benshi bashoboka?