ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/04 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 4/04 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, abashobora kuba barimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishirahamwe babigiranye umwete, nimwihatire gushikiriza igitabu Senga Imana. Harakwiye kugirwa akigoro kose gashoboka ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, canecane niba hari abantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Ruheshi: Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Niba abantu bavuze yuko ata bana bafise, nimushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Igihe mukoresha ako gatabu, nimwitunire ku gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Mu duce tumwetumwe tw’icibare, udutabu dukurikira twoshobora kuba tubereye: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes—qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante: Comment? be na Un livre pour tous.

◼ Guhera muri Ruheshi, udukarata tw’ihwaniro ry’intara ryo mu 2004 tuzorungikirwa rimwe n’ibisohokayandikiro. Utwo dukarata tuzorungikwa ari udutekero, kamwekamwe karimwo udukarata 25, hakurikijwe uko ishengero ryose ringana. Nimba ishengero rikeneye utundi dukarata, tuzosabirwa kuri ya fomu y’ugusabirako ibisohokayandikiro (S-14). Birakenewe gusaba twa tumwanya tujamwo utwo dukarata ku bw’uwo wese yoba atwipfuza mw’ishengero.

◼ Ibiro vy’ishami birakeneye kuguma bifise aderese be n’inomero za telefone vya vuba vy’abacungezi bahagarikizi be n’abanyamabanga bose. Igihe cose hagize igihinduka, Komite y’umurimo y’ishengero ikwiye kwuzuza ya fomu y’ihinduka rya aderese y’umucungezi muhagarikizi canke y’umunyamabanga (S-29), ikayishirako umukono, maze ikayirungikira ibiro vy’ishami bidatevye. Ivyo kandi birerekeye ihinduka ryose ry’inomero za telefone z’aho hantu.

◼ Abanyamabanga b’amashengero bakwiye kuguma bafise amafomu akwiye y’Ugusaba umurimo w’ubutsimvyi busanzwe (S-205) n’ay’Ugusaba umurimo w’ubutsimvyi bw’ugufasha (S-205b). Ashobora gusabirwa kuri ya fomu y’ugusaba ibisohokayandikiro (S-14). Nimugume mufise n’imiburiburi ayakwiranye n’umwaka. Nimusuzume amafomu yose y’ugusaba ubutsimvyi busanzwe, kugira ngo murabe neza ko yujujwe mu buryo bubereye, harimwo n’itariki abasaba babatirijweko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika