Igitero c’abarwanira ku mafarasi ugiramwo uruhara
1, 2. Abasavyi b’Imana muri iki gihe bagira uruhara gute mw’iranguka ry’iryo yerekwa menyeshakazoza ryanditse mu Vyahishuriwe 9:13-19?
1 “Umumarayika wa gatandatu aravuza [“inzamba yiwe”, NW]”. Inyuma y’ivyo, “ingabo z’abarwanira ku mafarasi” zishika “ibihumbi amajana igihumbi kabiri” ziraturagara. Izo si ingabo zisanzwe. “Imitwe y’ayo mafarasi [ni] nk’iy’intambge”. Umuriro, umwotsi be n’amazuku ni vyo bisokoroka mu kanwa kayo, kandi “imirizo [yayo] imeze nk’inzoka”. Ico gitero c’abarwanira ku mafarasi co mu buryo bw’ikigereranyo gisiga gitikije inganda aho giciye (Ivyah. 9:13-19). Woba uzi ingene ugira uruhara mw’iranguka ry’iryo yerekwa menyeshakazoza ritangaje?
2 Amasigarira y’abasizwe be na bagenzi babo ari zo zindi ntama, barasenyera ku mugozi umwe mu kumenyekanisha imanza z’Imana. Ivyo bituma bashira ku kabarore bimwe bishitse ukuntu abiyita abakirisu bapfuye mu buryo bw’impwemu. Nimuze dusuzume imice ibiri y’iryo yerekwa menyeshakazoza yerekana igituma ubusuku abasavyi b’Imana barangura ari ngirakamaro rwose.
3. Ni ukumenyerezwa ukuhe waronse kugira ngo uvuge ubutumwa bw’Imana mu buryo ngirakamaro?
3 Baramenyerezwa kandi bakaronswa ivyangombwa kugira bashikirize ubutumwa bw’Imana: Biciye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi no ku yandi makoraniro y’ishengero, abasuku b’Imana baramenyerejwe kugira ngo bavuge ubutumwa bw’Imana babigiranye ububasha. Mu kwigana Yezu be n’abigishwa biwe, barabandanya kurondera ababereye, mu kwamamaza aho ari ho hose bashobora gusanga abantu (Mat. 10:11; Mrk. 1:16; Luka 4:15; Ivyak. 20:18-20). Ese ingene ubwo buryo bwo kwamamaza bushingiye kuri Bibiliya bwabaye ngirakamaro!
4. Ni ibikoresho ibihe bihari bifasha abamamaji benshi kurangura igikorwa cabo?
4 Amabibiliya, ibitabu, udutabu be n’ibinyamakuru amamiliyaridi vyarakwiragijwe n’abasuku bakirisu mu kurangura igikorwa bashinzwe n’Imana co kwamamaza. Ivyo bisohokayandikiro vyarabonetse mu ndimi zishika nka 400, bikaba birimwo ibiganiro vyinshi bitandukanye kandi birakoresha uburyo bukwegera abantu batandukanye. Woba uriko urakoresha ivyo bikoresho mu buryo ngirakamaro?
5, 6. Ni igiki cerekana yuko abasavyi ba Yehova bashigikirwa n’Imana?
5 Ubuyobozi be n’imfashanyo biva mw’ijuru: Iryo yerekwa menyeshakazoza kandi riratomora yuko ico gikorwa kirangurwa n’igitero c’abarwanira ku mafarasi gishigikirwa n’Imana (Ivyah. 9:13-15). Igikorwa co kwamamaza kigirirwa kw’isi yose ntikirangurwa biciye ku bukerebutsi bw’abantu canke ku bubasha bwabo, ariko kirangurwa biciye ku mpwemu y’Imana (Zek. 4:6). Yehova ariko arakoresha abamarayika kugira ngo bayobore ico gikorwa (Ivyah. 14:6). Gutyo rero, Yehova aratanga imfashanyo iva mw’ijuru, ikaza yiyongera ku twigoro tw’Ivyabona biwe b’abantu, kugira ngo akwēgēre abantu b’abagwaneza kuri we.—Yoh. 6:45, 65.
6 Kubera bamenyerejwe, bafise ivya ngombwa kugira bashikirize ubutumwa bw’Imana kandi bakaba bakora bayobowe n’abamarayika, abasavyi ba Yehova ni ingabo ata woshobora kuzitangira. Nimuze tubandanye gushitsa uruhara rwacu mw’iranguka ry’iryo yerekwa menyeshakazoza ryeza umutima!