Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera hamwe na Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo mu giswahili. Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Nimba abantu basanzwe bafise ico gisohokayandikiro, igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel! coshobora gushikirizwa. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, abashobora kuba barimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishirahamwe babigiranye umwete, nimwihatire gushikiriza igitabu Senga Imana. Harakwiye kugirwa akigoro kose gashoboka ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, canecane niba hari abantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Ruheshi: Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Niba abantu bavuze yuko ata bana bafise, nimushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Igihe mukoresha ako gatabu, nimwitunire ku gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana.
◼ Guhera ku wa 1 Ntwarante 2004, igihugu c’Uburundi kizoba ishami.
◼ Ibiro vy’ishami si vyo vyuzuza ifomu yo gusaba ibisohokayandikiro bisabwa n’umwamamaji umwumwe. Umucungezi muhagarikizi akwiye gutunganya ivy’uko itangazo rishikirizwa ku kwezi ku kwezi imbere y’uko ifomu y’ugusaba ibisohokayandikiro vy’ishengero ku kwezi ku kwezi irungikwa ku biro, kugira ngo abipfuza kuronka ibisohokayandikiro ku gatwe kabo bose bashobore kwegera umuvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabasavye mugume mwibuka ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe ivyo ari vyo.
◼ Birahambaye yuko imigwi y’abantu 20 canke barenga mu gihe bategekanya kugendera inyubakwa za Beteli, babanza kubimenyesha ibiro bakoresheje ikete. Turabasavye mumenyeshe igitigiri c’abazoza n’igenekerezo be n’igihe bazozirako. Imbere y’uko muhagendera, turabasavye mwihweze Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2002 ahavuga ngo: Inyishu ku bibazo vyanyu. Ico kiganiro kivuga ibijanye n’inyambaro be n’uburyo bwo kwitunganya bibereye igihe umuntu agendeye inyubakwa za Beteli.
◼ Ku bamamaji bahanganye n’ibibazo isi ivyura ku vyerekeye uwugumana abana canke ukubagendera inyuma y’ukwahukana, amakuru ngirakamaro arashobora kuboneka muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Kigarama 1997, urupapuro rwa 3-12; muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu 1988, urupapuro rwa 2-14; no mu gicapo dusanga muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ndamukiza 1991, urupapuro rwa 9.
◼ Umunyamabanga akwiye kuraba yuko Ibiro bijejwe ivy’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami biguma bizi uko ivy’abamamaji babatijwe bose bashikirije ya mafomu (S-82) y’ugusaba kwinjira muri ya porogarama y’abakora bavyishakiye mu bwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami vyifashe. Nimba hari ivyahindutse mu kuntu ivy’umukozi akora avyishakiye vyifashe, nk’igihe yimutse canke agenywe kuba umukozi w’ishengero canke umukurambere, amafomu mashasha akwiye kwuzuzwa buno nyene kandi agashikirizwa. Nimba aderese y’uwo mukozi canke inomero ziwe za telefone bihindutse, canke akaba atagihagaze neza mw’ishengero, abakurambere bakwiye guca babimenyesha Ibiro bijejwe ivy’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami ubwo nyene biciye mw’ikete. Amafomu S-82 yujujwe ari muri dosiye y’ishengero akwiye kuba ari hafi kugira ngo umucungezi w’umuzunguruko ayihweze igihe agendeye ishengero.