Turashobora gukora ivyo Yehova adusaba
1. Rimwe na rimwe ni inyiyumwo izihe dushobora guhangana, kandi kubera iki?
1 Gukurikiza amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe ni bwo buryo burushirije kuba bwiza bwo kubaho muri iki gihe, kandi biradufasha gushinga umushinge mwiza ku bwa kazoza k’ibihe bidashira (Zab. 19:7-11; 1 Tim. 6:19). Ariko rero, isi ya Shetani iradushirako umukazo munini. Umubiri munyagasembwa wacu bwite ukaza usongera isibe. Igihe tugerageza gushitsa amabanga dusabwa n’Ivyanditswe, rimwe na rimwe twokwumva turengewe (Zab. 40:12; 55:1-8). Twokwibaza mbere nimba twoshobora gukora ivyo Yehova adusaba ata co duhajije. Ni igiki gishobora kudufasha kuguma dufise uburimbane mu vy’impwemu mu bihe nk’ivyo?
2. Ni mu buryo ki Yehova adusaba ibitegereka?
2 Amabwirizwa ya Yehova si umuzigo: Yehova ntiyigera na rimwe adusaba ibidategereka. Amabwirizwa yiwe si umuzigo, ahubwo ariho ku bw’ineza yacu (Gus. 10:12, 13; 1 Yoh. 5:3). Yehova ntiyirengagiza ubugoyagoye bwa twebwe abantu, “yibuka ko tur’umukungugu” (Zab. 103:13, 14). Imana ibigiranye ikigongwe, iremera utwigoro twose tugira mu kuyisukurira, mbere n’igihe utwo twigoro tuba dufise aho tugarukira bivanye n’uko ivyacu vyifashe (Lew. 5:7, 11; Mrk. 14:8). Iradutera akamo ngo tuyikorere imitwaro yacu, kandi iradukura amazinda ko izodufasha kuguma turi abizigirwa.—Zab. 55:22; 1 Kor. 10:13.
3. Yehova adukomeza gute kugira twihangane?
3 Ukwihangana kurakenewe: Inkuru zo muri Bibiliya zerekeye abagumye ari intadohoka nka Eliya, Yeremiya na Paulo zirerekana ko ukwihangana gukenewe (Heb. 10:36). Yehova yarabafashe mu mugongo mu bihe baba bari mu vyago no mu bihe baba bacitse intege (1 Abm. 19:14-18; Yer. 20:7-11; 2 Kor. 1:8-11). Turakaburwa kandi n’ukudahemuka kw’abavukanyi bacu bo mu bihe vya none (1 Pet. 5:9). Kuzirikana ku turorero nk’utwo birashobora kudufasha kudacika intege.
4. Ni kubera iki bihambaye kuguma duhanze amaso imihango y’Imana?
4 Ukwizigira imihango ya Yehova ni “inanga y’ubugingo” (Heb. 6:19, NW). Kwarasunikiye Aburahamu na Sara ku kwumvira Yehova igihe yabasaba kuva i muhira iwabo ngo baje ‘kuba inyambukira mu gihugu c’isezerano’. Kwarakomeje Musa kugira ashigikire ata bwoba ugusenga kw’ukuri. Kwarakomeje Yezu kugira yihanganire igiti co kubabarizwako (Heb. 11:8-10, 13, 24-26; 12:2, 3). Kuguma ducambirwa umuhango w’Imana werekeye isi nshasha igororotse, na vyo nyene bizodufasha kuguma dushikamye.—2 Pet. 3:11-13.
5. Ni kubera iki biremesha kuzirikana ku bikorwa biranga ukudahemuka ubwacu twakoze muri kahise?
5 Kuzirikana ku bikorwa biranga ukudahemuka ubwacu twakoze muri kahise, ukwitanga be n’ubushizi bw’amanga twagaragaje, birashobora kuduha inguvu mu busuku bwacu (Heb. 10:32-34). Biratwibutsa umunezero tugira igihe duha Yehova ico adusaba, ni ukuvuga kumwiyegurira n’ubugingo bwacu bwose.—Mat. 22:37.