ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/04 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 2/04 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruhuhuma: Niwiyegereze Yehova. Nimba ico gisohokayandikiro ata co mufise, mwoshobora gukoresha igitabu Création (kinini canke gitoyi) canke igitabu Révélation: dénouement hamwe na Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi (kinini) mu giswahili. Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera hamwe na Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo mu giswahili. Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Nimba abantu basanzwe bafise ico gisohokayandikiro, igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel! coshobora gushikirizwa. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, abashobora kuba barimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishirahamwe babigiranye umwete, nimwihatire gushikiriza igitabu Senga Imana. Hakwiye kugirwa akigoro kose gashoboka ko gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, canecane niba hari abantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi muntu yagenye akwiye gukenguza amakonte y’ishengero ku wa 1 Ntwarante canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze kugirwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte ikurikira imaze gusomwa. Nimusome ikete iryo ari ryo ryose ishengero ryaronse ryo gukenguruka intererano ryatanze ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose canke ku bw’ikindi kigega gikoreshwa n’ishirahamwe.

◼ Umunyamabanga hamwe n’umucungezi w’umurimo bakwiye kwihweza igikorwa c’abatsimvyi basanzwe bose. Nimba hoba harimwo abafise ingorane yo gushitsa amasaha asabwa, abakurambere bakwiye kuringaniza ivy’uko bosahirizwa. Nimba mwipfuza amagirenama, nimwihweze ya makete S-201 arungikwa ku mwaka ku mwaka.

◼ Insiguro y’icese idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2004 izoba ifise umutwe uvuga ngo: “Mugire umutima rugabo kandi mwizigire Yehova”. Raba itangazo bijanye riri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2003.

◼ Abari bagize umugwi ugira 14 wa rya Shure rimenyereza abasuku ryabereye muri Kenya bahawe impapuro z’umutsindo kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2003. Abanyeshure 24 basohotse iryo shure bari baje bava mu bihugu vya Kenya, Sudani, Tanzaniya na Uganda.

◼ Amashengero arashobora kugira komande y’ibitabu be n’udutabu bikurikira ku bw’abashaka kwagura ububiko bwabo bw’ibitabu no kubikoresha mu busuku bwo mu ndimiro:

Annuaire des Témoins de Jéhovah—2000—mu congereza (Annuaire des Témoins de Jéhovah—2000 ushobora kuyisomamwo inkuru zivuga ingene abavukanyi bacu bo muri Tchécoslovaquie bamaze imyaka mirongo bihanganira ibigerageza ukwizera kwabo.)

“Cette bonne nouvelle du Royaume”—mu congereza

Comment assurer votre survie et hériter d’une nouvelle terre—mu congereza no mu giswahili

Imizimu—Irashobora Kudufasha? Canke Irashobora Kudutera?—mu congereza

La paix et la sécurité véritables: comment est-ce possible?—mu congereza no mu giswahili

Le bonheur — Comment le trouver?—mu congereza no mu giswahili

Sécurité universelle sous le Règne du “Prince de paix”—mu congereza no mu giswahili

Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo—mu giswahili

Tout finit-il avec cette vie?—mu giswahili

Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi—mu giswahili

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika