ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/03 rup. 3
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 11/03 rup. 3

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Nimba abo musanze ku muhana basanzwe bafise ivyo bisohokayandikiro, nimushikirize agatabu Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye? canke igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri canke ikindi gisohokayandikiro ca kera. Kigarama: Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe mudafise ico gitabu, mwoshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke igitabu Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi. Nzero: Igitabu ico ari co cose ishengero ryoba rifise mu bubiko casohowe imbere yo mu 1988. Mwoshobora gushikiriza kandi ya mpinduro yitwa Tafsiri ya Ulimwengu Mpya ya Maandiko ya Kigiriki ya Kikristo mu giswahili. Nimba mu bubiko ata bitabu na bimwe muri ivyo mufise, turabasavye murabe nimba amashengero yo mu micungararo ata bisohokayandikiro vya kera bisaguka afise mushobora gukoresha. Amashengero adafise ibitabu vya kera arashobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu. Ruhuhuma: Niwiyegereze Yehova. Nimba ico gitabu ata kiriho, murashobora gushikiriza igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?, canke Révélation: le grand dénouement est proche!.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi muntu yagenywe na we akwiye gukenguza amakonte y’ishengero ku wa 1 Kigarama canke inyuma y’iryo genekerezo vuba bishoboka. Ivyo bimaze gukorwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte izokurikira imaze gusomwa.

◼ Amashengero arakwiye gutangura gusaba imbumbe z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! z’umwaka wa 2003 kuri komande zayo zikurikira. Urutonde rw’indimi izo mbumbe zibonekamwo muzorusanga mw’ “Itangazo ku mashengero yose”, rirungikirwa amashengero yose uko ukwezi gutashe. Gushika aho izo mbumbe zizobonekera zikarungikwa, ku mpapuro ziherekeza ibirungikiwe ishengero hazoguma handitsweko ngo ‘biri mu nzira’. Imbumbe ni ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe.

◼ Umunyamabanga w’ishengero rimwerimwe ryose akwiye gusuzuma akaraba ko amakopi yose y’inyandiko zerekana ko ubwatsi bw’Ingoro y’Ubwami butwegukira ari ku rutonde. Aho bikurikizwa, nimurabe neza yuko amakete atwemerera gukurwako amakori y’agataka canke ayatangirwa ikibanza kitaratwegukira, aboneka bitagoranye muri dosiye.

◼ Intererano zigenewe igikorwa kirangurirwa kw’isi yose be n’izigenewe ikigega c’Ingoro z’Ubwami zitangwa biciye ku masheki maze ayo masheki agashirwa mu dusandugu tw’intererano two mu Ngoro y’Ubwami yanyu, zikwiye kwandikwa kuri S-20 maze ayo masheki akarungikwa ku biro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika