Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Git.
“Ingingo nyinshi dufata ziragira ico zikoze ku bintu bitari bike mu buzima bwacu. Ni igiki codufasha kwirinda gufata ingingo zitaranga ubukerebutsi? [Rindira yishure. Nuce usoma Imigani 3:6.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iratanga inyobozo zitanu zishingiye kuri Bibiliya zishobora kudufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi”.
Réveillez-vous! 22 Git.
“Woba warabonye yuko dusigaye twumva cane ivyerekeye imigera y’indwara iticwa n’imiti dusanzwe dufise? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirihweza imvo zituma ivyo biba kigongera kikatugira inama z’ico twokora kugira ngo twikingire. Kiraca kandi irya n’ino umuhango Bibiliya itanga werekeye isi aho ata n’umwe azorwara”. Soma Yesaya 33:24.
Umunara w’Inderetsi 1 Muny.
“Twese biramaze kudushikira umuntu kanaka akaduhemukira. Woba umaze kwibaza uti: “Hoba hariho umuntu noshobora kwizigira?”. [Nurindire yishure. Nuce usoma Imigani 3:5.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma twokwizigira Imana tugaherezako. Kirerekana kandi ukuntu dushobora kumenya abantu babereye ko tubizigira”.
Réveillez-vous! 8 Muny.
“Ibintu bahingura mu bitoro birakenerwa mu mice nka yose y’ubuzima bwacu. Woba umaze kwibaza ukuntu ubuzima bwomera nka hamwe ivyo bintu tutoba tubifise? [Nurindire yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu ibitoro vyahavuye bigira uruhara ruhambaye cane muri iki gihe tubayemwo. Kirasigura kandi igituma tudakwiye guhagarika umutima twiyumvira yuko umusi uri izina ibitoro bizohera”.