ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/03 rup. 1
  • Dukurire ubwatsi Imana kubera imbabazi zayo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dukurire ubwatsi Imana kubera imbabazi zayo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • ‘So ni umunyembabazi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Dukorera Imana “igwije imbabazi”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Numenyekanishe inkuru nziza y’ubuntu ata wari abukwiriye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Dukenguruke ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 7/03 rup. 1

Dukurire ubwatsi Imana kubera imbabazi zayo

1 Imbere yuko acika umukirisu, intumwa Paulo yararwanya bimwe bikomeye ikwiragira ry’ubukirisu. Ariko rero, kubera yuko yabikorana ukutamenya, yaragiriwe imbabazi. Yehova yaragaragarije Paulo ubuntu atabereye maze amushinga igikorwa co kwamamaza. Yarahaye agaciro ico gikorwa yashinzwe (Ivyak. 26:9-18; 1 Tim. 1:12-14). Imbabazi za Yehova zatumye Paulo amukurira ubwatsi, bimusunikira kwitanga atiziganya mu kurangura ubusuku bwiwe.—2 Kor. 12:15.

2 Bivuye ku mbabazi z’Imana, na twebwe nyene twarahawe ubusuku (2 Kor. 4:1). Nka kurya kwa Paulo, turashobora kugaragaza ko dukenguruka imbabazi twagaragarijwe, mu kwihatira gufasha abandi kugira batere imbere mu vy’impwemu. Uburyo bumwe dushobora kubigira, ni mu gutanguza inyigisho za Bibiliya no mu kuzirongora.

3 Gutanguza inyigisho za Bibiliya: Uburyo bumwe bwo gutanguza inyigisho za Bibiliya, ni mu gushiraho inzira y’ibinyamakuru. Uko tugendera tudahorereza abo duhora dushira ibinyamakuru, turarushiriza kumenya ibibaraza ishinga. Impera n’imperuka, ikiganiro kinaka co muri kimwe muri ivyo binyamakuru coshobora kuba intambwe yotuma utanguza inyigisho ya Bibiliya muri ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Mu bihe bikurikira, igihe usubira gushira ibinyamakuru uyo usanga ku muhana, vyoshoboka yuko mubandanya kuganira muri ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.

4 Akigoro gafatanije n’ugusenga karakenewe: Gusenga gufatanije no kugira akigoro gakomeye, bizotuma turushiriza kwamamaza. Umuvukanyikazi w’umutsimvyi yari afise inyigisho ya Bibiliya imwe, yarasenze asaba ko Yehova yomuhezagira akaronka izindi nyigisho. Yarakoze kandi ibijanye n’ayo masengesho yiwe. Yarasuzumye ingene arangura ubusuku maze aca asanga igihe asubira kubagendera abantu, ntiyahora abasaba ko bokwigana Bibiliya. Yaratanguye kubishira mu ngiro maze hadaciye na kabiri aca araronka izindi nyigisho zibiri.

5 Ese ingene dufise agateka ko kugira uruhara mu kumenyekanisha “ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana” (Ivyak. 20:24)! Turizigiye yuko imbabazi z’Imana zizotuma tuyikurira ubwatsi, bidusunikire ku kugira umwete mu gufasha abandi kwungukira ku buntu bwa Yehova batabereye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika