ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/03 rup. 7
  • Bafise ubumuga yamara barererwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bafise ubumuga yamara barererwa
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Yehova azokuronsa inkomezi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ndamukiza—Igihe co ‘Gukora Tugatama no Kwihata’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Kubera iki ndwaye cane gutya?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 6/03 rup. 7

Bafise ubumuga yamara barererwa

1 Nimba uri mu Vyabona vya Yehova benshi bafise ubumuga, naho vyoba vyifashe gutyo wokwererwa mu busuku. Kukaba nkako, uko ivyawe vyifashe kurashobora kuguha uturyo tudasanzwe two gushinga intahe no kuremesha abandi.

2 Gushinga intahe: Abantu benshi bategerezwa kurwana n’ubumuga, bariko baragira uruhara bimwe bishitse mu busuku. Nk’akarorero, umuvukanyikazi umwe yagize ingorane zikomeye zo kuvuga no gutambuka bivuye ku kubagwa, yasanze ashobora kugira uruhara mu gikorwa co gutanga ibinyamakuru, mu gihe umugabo wiwe yohagarika umuduga wabo iruhande y’inzira icamwo abantu benshi. Igihe kimwe yaratanze ibinyamakuru 80 mu masaha abiri gusa! Ingorane urimwo zidasanzwe zirashobora no gutuma uhura n’abantu bagoye gushikira mu bundi buryo. Nimba ari ukwo vyifashe, nubabone nk’icibare cawe kidasanzwe.

3 Urashobora kwererwa cane mu gikorwa cawe co kwamamaza! Igihe abandi babona umwiyemezo wawe be n’ingaruka nziza ukuri kwa Bibiliya kwagize ku buzima bwawe, boshobora gukwegerwa n’ubutumwa bw’Ubwami. Vyongeye, igihe uhura n’abantu bari mu ngorane, ivyagushikiye mu buzima vyoshobora gutuma ushobora kubahumuriza wishimikije Ijambo ry’Imana.—2 Kor. 1:4.

4 Urashobora gukomeza abandi: Mbega ntiwaremeshejwe n’inkuru y’ubuzima bwa Laurel Nisbet, uwamaze imyaka 37 ari mu cuma gifasha amahaha guhema, yamara akaba yafashije abantu 17 gushika ku kumenya mu buryo butagira agakosa ukuri kwerekeye Bibiliya? Muri ubwo buryo nyene, akarorero kawe karashobora kuvyurira abo musangiye ukwizera umutima wo kugira umwete mu murimo wa Yehova.—g93-F 22/1 rup. 18-21.

5 Naho ingorane zawe zoba zituma udashobora kuja mu busuku ku rugero wipfuza, woshobora gukomeza abandi mu bundi buryo. Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Narabonye y’uko n’umuntu afise ubumuga bukomeye ashobora kugirira abandi akamaro kanini. Jewe n’umukenyezi wanje twarabereye inkingi abantu batandukanye bo mw’ishengero. Bivuye ku kuntu ivyacu vyifashe twama ariho turi, ku buryo atawuturondera ngo atubure”. Ariko rero, bivuye ku bumuga ufise, birumvikana yuko utokwama nantaryo ushobora gukora nk’uko uvyipfuza. Yamara hagize ababigufashamwo woshobora kugira umwete mu busuku. Ni co gituma, nimba ukeneye gusahirizwa, udakwiye kwitinya kubitura abakurambere canke abandi bo mw’ishengero bashobora kugusahiriza.

6 Yehova arabona ivyo ukora vyose kugira umusukurire, kandi arahimbarwa n’umurimo umurangurira n’ubugingo bwawe bwose (Zab. 139:1-4). Uramutse umwihetseko arashobora kukuronsa ububasha butuma wererwa mu busuku kandi ubwo busuku bukagira ico buvuze.—2 Kor. 12:7-10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika