Isubiramwo ryo mw’ishure ry’ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 30 Ruheshi 2003. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu bigabu vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 5 Rusama gushika ku ndwi itangura ku wa 30 Ruheshi 2003. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37].
Amayagwa akurwa mu gitabu “Kila Andiko” yaratanzwe mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2003
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Ni kubera iki guhindagura ijwi bihambaye igihe uriko ushikiriza insiguro kandi ivyo bishobora kugirwa gute [be-RU rup. 111 agasandugu; rup. 112 agasandugu]?
2. Naho umushikirizansiguro yoba yemera ivyo ariko aravuga kandi akaba akunda Yehova, ni kuki yoshobora kubura ubushwashwanutsi [be-RU rup. 115 ing. 3-4; rup. 116 ing. 1]?
3. Ni ibiki bizofasha umuntu guserura igishika n’inyiyumvo mu nsiguro, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye [be-RU rup. 119 ing. 1-4]?
4. Mu nsiguro ni igiki cerekana uburyo bubereye umuntu yoseruramwo ubushwashwanutsi, igishika be n’izindi nyiyumvo [be-RU rup. 120 ing. 1-4]?
5. Ni vyo canke si vyo: Ibimenyetso vy’umubiri n’ukuntu mu maso hameze bigira akamaro gusa igihe abakwumviriza baba bariko barakuraba. Sigura [be-RU rup. 121 ing. 3].
6. Uburyo bumwebumwe bwo gutsimbataza ubushwashwanutsi ni ubuhe [be-RU rup. 116 agasandugu]?
7. Ni kubera iki abashikirizansiguro bashasha bibagora kurobeka mu ngendo yabo y’ukuvuga, kandi ni igiki cofasha gukosora ubwo bugoyagoye [be-RU rup. 112 ing. 4]?
IKIGABU NO. 1
8. Ni agatima nyabaki dukwiye kwirinda kugira ngo Shetani ntadutsindagire mw’iforoma yiwe (Rom. 12:2) [w99-RU 1/4 rup. 31 ing. 5]?
9. Ni inkurikizi izihe zishobora kuhaba igihe abavyeyi baterwa ubuyega no kuganira n’abana babo, kandi abavyeyi bakwiye kwibwiriza kugira iki nimba bashaka gushira amajambo y’Imana mu mizirikanyi no mu mitima y’abana babo (Gus. 6:4-7) [w99-RU 1/6 rup. 5 ing. 1-3]?
10. Yehova yashaka kuvuga iki igihe yabwira Abisirayeli yuko ‘bategerezwa kutibagira’, kandi dushobora gute kwirinda kwibagira (Gus. 4:9; 8:11) [be-RU rup. 20 ing. 1-3]?
11. Ku bijanye n’umwanya, ni kubera iki ubu bihambaye ko dukurikiza impanuro yo mu Banyefeso 5:15-17 [w99-RU 1/10 rup. 4 ing. 5]?
12. Ni igiki gishobora kudufasha kwibuka amazina twari vy’ukuri dukwiye kwibuka [be-RU rup. 17 ing. 4]?
IKIGABU NO. 3
13. Nk’uko Yezu yabivuze muri Matayo 12:32, ni mu buryo ki abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo bakoze ico caha kidaharirwa [gt-RU ikig. 41 ing. ya nyuma]?
IKIGABU NO. 4
14. Yezu aruhurira abantu gute nk’uko bivugwa muri Matayo 11:28 [gt-RU ikig. 39 ing. 8]?
15. Ni vyo canke si vyo: Amajambo Yezu yavuze muri Luka 7:47, 48, inyuma y’aho amariye guharira umugore yari yahoze ari umushurashuzi, yerekana yuko yariko avugira canke yirengagiza ubushurashuzi [gt-RU ikig. 40 ing. ya nyuma].