Dufashe abandi gutora inzira ijana mu buzima budahera
1 Naho amadini yose yivugisha yuko atanga ubuyobozi bwo kwizigirwa ku vyerekeye gukorera Imana, inyigisho zayo usanga zitandukanye. “Wa muntu avugishwa n’Imana” Yezu, ntiyigishije yuko amadini yose ari inzira gusa zitandukanye zishikana ku bukiriro (Yoh. 7:40; Mat. 7:13, 14). Naho yari azi yuko bamwebamwe bogaragaje gusa “ishusho yo [kuyobokera] Imana”, Yezu yaraseruye yuko yizigira ko abandi botoye idini y’ukuri bakongera bakayikurikira.—2 Tim. 3:5; Yoh. 4:23.
2 Abandi bomenya gute ukuri kwerekeye Imana maze bakayisenga mu buryo yemera? Ibintu amadini adahurizako, birashobora gutorerwa umuti mu mahoro mu gihe abayagize bokwemera isoko rihambaye ry’ukuri kwerekeye Umuremyi wacu. Iryo soko ni Bibiliya (Yoh. 17:17). Naho benshi bahitamwo gukurikira idini y’abavyeyi babo canke y’abo mu kibano, abantu bicisha bugufi ntibashobora vy’ukuri ‘kwiyegereza Imana’ kiretse gusa biciye ku kwihweza ubwabo Ivyanditswe kandi bagashira mu ngiro ivyo biga. Babigenjeje gutyo, barironsa inkomezi zikenewe kugira bavavanure n’inyifato iyo ari yose itayihimbara.—Yak. 4:8.
3 Ka gatabu Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye? karasuzumana urupfasoni ibintu abantu bakunda kwemera n’imigenzo bakunda gukurikiza. Abantu b’imitima nziraburyarya nibasuzuma ivyo bisunze Ijambo ry’Imana, bazoronka inkomezi zo kwitandukanya n’idini iyo ari yo yose y’ikinyoma, naho boremerwa n’ikibano be n’umuryango.—Mat. 10:36; 2 Kor. 6:17, 18.
4 Ivyigwa bibiri bitangura, biratanga imvo zumvikana zo kwizigira Bibiliya no kwemera yuko ari ryo shingiro ry’ugusenga kw’ukuri. Ivyigwa vya 3, 4 na 5, birihweza ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye akarere k’impwemu, abapfuye be n’ivy’ubupfumu. Ivyigwa bisigaye birafasha abantu bashimishijwe kumenya uburyo bwo gusenga bwemerwa n’Imana bikongera bikabavyurira umutima wo gushira mu ngiro ivyo bariko bariga. Ibigereranirizo bitomoye bishingiye ku bintu dusanzwe tuzi, vyo mu buzima bwa misi yose, biragaragaza yuko ibivugwamwo bitegereka. Naho gashikiriza ibintu vyabaye koko mu buzima bw’abavavanuye n’ingeso zonona, karakura amazinda yuko Yehova azofasha abipfuza gukora ibigororotse bakirinda ibibi.—Flp. 4:6; Yak. 4:7.
5 Abantu bo mu mahanga yose bariko baritaba akamo ko ‘guca mw’irembo ripfunganye’ maze bakagendera muri ya nzira ijana mu buzima budahera. Turi n’imvo yumvikana yo kuguma tubona mu buryo bwiza ubusuku turangura be n’ububasha Ijambo ry’Imana rifise bwo guhindura ubuzima. Biciye ku majambo yacu no ku kuntu twigenza, nimuze twereke abandi ko biranga ubukerebutsi gukurikira idini y’ukuri kugira ngo na bo bashobore kwinovora imihezagiro ya Yehova ibihe bidahera!—Mat. 7:13, 14; 2 Kor. 10:4, 5; Zab. 37:29.