Indinganizo nshasha yerekeye ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami
Ubu haraciye imyaka myinshi amashengero yo kw’isi yose yungukira ku gukoresha ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami, bukaba bwahora bwitwa ububiko bw’ibitabu bw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. Mu bihe vyashize, vyabonwa yuko ari ngombwa ko ishengero ryose rigira ububiko bw’ibitabu bwaryo bwite. Ariko rero, kubera yuko ubu Ingoro z’Ubwami zitari nke ziriko zikoreshwa n’amashengero abiri canke arenga, amwamwe muri yo akaba akoresha indimi zo mu mahanga, bisa n’uko vyoba vyiza Ingoro y’Ubwami imwimwe yose igize ububiko bw’ibitabu bumwe, burimwo ivya ngombwa bikwiye, kandi buza burashirwamwo ibiherutse gusohoka mu rurimi rumwerumwe rwose rukoreshwa. Ku Ngoro z’Ubwami zifise ibibanza vyo kwikoranirizamwo bibiri canke birenga, ikibanza kimwekimwe cose gikwiye kugira ububiko bw’ibitabu burimwo ibitabu vyo mu rurimi umugwi wose uhikoraniriza ukoresha.
Vyitezwe ko iyo ndinganizo izofasha mu kuziganya ikibanza be n’amahera asohorwa. Vyongeye, amashengero abiri canke arenga ashize hamwe ububiko bw’ibitabu yahorana, kumbure bizotuma haba ububiko bw’ibitabu bwiza kuruta. Ubwo bubiko bumaze gushirwa hamwe, amakopi y’ibitabu arengako yoshobora kubikwa, maze akazokoreshwa mu nyuma, igihe hubatswe Ingoro z’Ubwami nshasha. Niba Ingoro y’Ubwami ifise orodinateri ishobora gukoresha ka kadisiki CD-ROM gakoranirijwemwo ibisohokayandikiro vy’ishirahamwe (Watchtower Library kuri CD-ROM), bamwebamwe boshobora gusanga ico gikoresho ari ngirakamaro cane.
Ku bubiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami imwimwe yose, hazoshingwa umuvukanyi, niba bishoboka umwe mu bacungezi b’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, kugira yitwararike ubwo bubiko bw’ibitabu. Akwiye kuguma aza arongeramwo ibisohokayandikiro bibereye, vyiyongera ku vyari bihasanzwe, agashira imbere ku gipfukisho c’igitabu kimwekimwe cose ikimenyetso kiboneka kugira yerekane ko ari ico mu bubiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami. N’imiburiburi rimwe mu mwaka, akwiye gusuzuma nya bubiko kugira arabe ko ata gitabu kibuze, yongere arabe yuko ibitabu bikimeze neza. Ibisohokayandikiro vyo muri ubwo bubiko ntibikwiye gukurwa mu Ngoro y’Ubwami.
Abantu bose bifatanya n’ishengero barabandanya guha agaciro ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami. Ku bw’ivyo rero, abakurambere bazoshima kuraba neza yuko ishengero ryabo ata kiribuza gukoresha ubwo bubiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami. Ese twokwerekana ko duha agaciro iyo ndinganizo, mu kububungabunga no mu kubukoresha kugira turondere “ukumenya Imana.”—Imig. 2:5.