ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/02 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 10/02 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Aho abantu bashimishijwe, nushikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, ugire akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya. Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Nimba abantu baramaze kubironka, harashobora gushikirizwa igisohokayandikiro ca kera. Nimba ata na bimwe mufise mu bubiko, murashobora kubaririkiza nimba amashengero yo mu micungararo ata bisohokayandikiro vya kera bisaguka afise. Kigarama: Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose. Mu gihe udafise ico gitabu, woshobora gushikiriza Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, La Bible—Parole de Dieu ou des hommes?, canke Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi. Nimba ishengero ridafise ibitabu na bimwe muri ivyo, turabasavye mubaririkize nimba amashengero yo mu micungararo ata bisaguka afise mushobora gukoresha. Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 ishengero ryoba rifise mu bubiko casohowe imbere yo mu 1988. Nimba mu bubiko ata bitabu na bimwe mufise muri ivyo, turabasavye murabe nimba amashengero yo mu micungararo ata bisohokayandikiro vya kera bisaguka afise mushobora gukoresha. Amashengero adafise ibitabu vya kera ashobora gushikiriza igitabu L’humanité à la recherche de Dieu.

◼ Inyongera yo muri iyi nomero y’Igikorwa Dukorera Ubwami ni “Urutonde rw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi rwo mu 2003” kandi umuntu akwiye kuruzigama kugira ngo azoze ararwikorako mu mwaka wose w’2003.

◼ Nimba ku wa 1 Nzero ibihe vy’amakoraniro bizohinduka mw’ishengero ryanyu, umunyamabanga w’ishengero akwiye kumenyesha ibiro vy’ishami ayo mahinduka mu kurungika ya fomu y’Amamenyeshwa Yerekeye Amakoraniro y’Ishengero. Nimba bikenewe, udukaratasi dushasha tw’ubutumire turashobora gusabwa. Udukaratasi tw’ubutumire dukwiye gusabwa n’imiburiburi hasigaye amayinga cumi n’abiri ngo igihe mwipfuza kuturonkerako gishike.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika