ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/02 rup. 8
  • Niwirinde Gukurikira “Ibitagira Ikimazi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwirinde Gukurikira “Ibitagira Ikimazi”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Uragaba ku Ngeramizi z’Ikoreshwa ry’Ubuhinga bwa Internet!
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Internet—Nukoreshe neza ico gikoresho gitanga amakuru yo kw’isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 9/02 rup. 8

Niwirinde Gukurikira “Ibitagira Ikimazi”

1 Uburyo bumwe bwo guhanahana amakuru buharawe cane muri iki gihe ni ubuhinga bwo kurungika amakete biciye muri orodinateri (E-mail). Naho vyoshobora kuba bibereye ko abagize umuryango n’abagenzi bahanahana amakuru y’ivyabashikiye bakoresheje ubwo buryo, ni “ibitagira ikimazi” ibihe umuntu ashobora gusanga yagiyemwo mu gukoresha ubwo buhinga ata kwigerera?—Imig. 12:11.

2 Kwiyubara ku Biraba Ubwo Buhinga: Hari abavuga yuko bumva ko barushiriza kumenya ivy’ishirahamwe rya Yehova igihe baronse ico biyumvira ko ari amakuru mashasha, biciye kuri ubwo buhinga. Ayo makuru ashobora kuba arimwo ivyabonywe, ibimenyeshwa ku vyerekeye ibintu bishika kuri Beteli, amaraporo yerekeye ivyago vyadutse canke uruhamo rwabaye, eka mbere n’amakuru y’akabanga atangazwa ku Mashure y’Ubusuku bw’Ubwami. Abandi mu buryo burenze urugero basa n’abashashara kurungika mwene ayo makuru, bizigiye yuko baca baba aba mbere mu guhishurira ayo makuru bagenzi babo.

3 Rimwe na rimwe, amakuru be n’ivyabonywe vyaragoretswe canke biratangwa mu buryo bwo gushikuza. Cabure kubera baba bagerageje gutanga amakuru atangaje, amwamwe yarahaye abantu ivyiyumviro bitari vyo. Abihutagiza guhishura mwene ivyo bintu, kenshi usanga bataba bazi inkuru y’imvaho ivyerekeye. (Imig. 29:20) Mu bihe bimwebimwe, naho nyene inkuru kanaka iba ata woyemera, irashikirizwa kugira ngo abantu babe bariterera igihuha. Mwene izo nkuru zirimwo ibintu bitari vyo canke zizimiza ni nk’ “imigani” itaremesha ivyo kwibanda ku Mana mu buryo nyakuri.—1 Tim. 4:6, 7.

4 Mu gihe urungitse amakuru, mu nyuma bikaboneka yuko arimwo amakosa, uba ufise uruhara kanaka mu mubabaro canke mu muvurungano ayo makuru ashobora gutera. Igihe Dawidi yaronka raporo irimwo gushikuza yavuga yuko abana biwe bose bishwe, “y[ar]itantamuri[ye]kw impuzu ziwe” kubera intuntu. Ariko rero, umwe gusa mu bana biwe ni we yari yapfuye koko. Ivyo vyari bibabaje bihagije, mugabo ukwo gushikuza kwatumye Dawidi arushiriza kugira umubabaro. (2 Sam. 13:30-33) Nta mazinda yuko tutoshima gukora ikintu na kimwe cozimiza canke coca intege uwo ari we wese mu bavukanyi bacu.

5 Umuhora Wagenywe n’Imana: Numenye yuko Dawe wa twese wo mw’ijuru afise umuhora yagenye acako mu gutanga amakuru, akaba ari “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” Uwo “mushumba” ajejwe ibanga ryo gushinga amakuru aronswa abo mu nzu y’abizera, hamwe n’ “igihe kibereye” yotangirwako. Ivyo bifungurwa vyo mu vy’impwemu biboneka gusa biciye kw’ishirahamwe rya gitewokarasi. Dukwiye kwama nantaryo duhanga amaso umuhora wagenywe n’Imana kugira uturonse amakuru yizigirwa, si umugwi w’abakoresha ubuhinga bwa Internet.—Mat. 24:45, NW.

6 Imihora yo Muri bwa Buhinga bwa Internet: Turafise umuhora wo muri bwa buhinga bwitwa Internet wemewe. Na wo ni: www.watchtower.org. Uwo muhora urahagije mu vyo gushikiriza abantu amakuru. Ntibikenewe yuko hogira umuntu kanaka, komite yinaka, canke ishengero rinaka ritegura Ikibanza kuri ubwo buhinga citirirwa Ivyabona vya Yehova. Hari abashize mu kibanza nk’ico ibiri mu vyandikano vyacu, birimwo ivyanditswe vyose be n’amarabiro yose, eka mbere baratanga n’amakopi y’amayagwa y’ihwaniro, bagasaba intererano ku bw’ayo mayagwa. Baba babikuramwo inyungu canke ata yo babikuramwo, ako kamenyero ko gukoporora no kugabanganya ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova biciye kuri orodinateri, ni ukurenga ku mategeko akingira umwanditsi. Naho bamwebamwe boshobora kubona yuko ivyo ari ugufasha abavukanyi, ivyo ntivyemewe kandi barakwiye guhagarika kubigira.

7 Kugaragaza ukwiyubara be n’ukurorana mu muzirikanyi mu gihe dutumatumanako amakuru biciye kuri orodinateri, bizokwerekana yuko imizirikanyi yacu yuzuye “ubutunzi . . . bg’igiciro kinini kandi bg’igikundiro.”—Imig. 24:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika