Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Muk.
“Woba wiyumvira ko tuzoteba tukabona iherezo ry’ingorane nka mwene izi? [Nusome amajambo yasubiwemwo atangura mu kiganiro ca mbere, uce urindira inyishu.] Ijambo ry’Imana ryahumetswe riradukura amazinda yuko mwene izo ngorane vuba zigiye guhera. [Soma Zaburi 72:12-14.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irasigura ingene ivyo bizoranguka.”
Réveillez-vous! 22 Ruh.
“Woba wiyumvira yuko bizoteba bigashoboka yuko umuntu wese kw’isi agira umwidegemvyo nyakuri? [Nurindire inyishu.] Raba iri sezerano ry’akaroruhore Imana itanga. [Soma Abaroma 8:21.] Kugira ngo iryo sezerano riranguke, ubuja bwose bwotegerezwa gukurwaho, si vyo none? Iyi nomero ya Réveillez-vous! irerekana ingene bizogenda.”
Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) 1 Muk.
“Abantu amamiliyoni bakoresha ibishushanyo canke ibishusho mu gusenga kwabo, mu gihe abandi bantu amamiliyoni biyumvira yuko kubikoresha ari bibi. Woba umaze kwibaza ico Imana ibivugako? [Nurindire inyishu. Maze uce usoma Yohana 4:24.] Ibi biganiro birerekana ingene ugukoresha ibishushanyo vyatanguye be n’ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ugusenga ibishushanyo.”
Réveillez-vous! 8 Muk.
“Bibiliya yamenyesheje yuko mu misi y’iherezo hobaye ibihe bigoye. [Soma 2 Timoteyo 3:1, 3.] Kw’isi yose ukwongerekana kw’ubugizi bwa nabi kurabigaragaza. Ese ingene ibintu biba bimeze nabi kuruta iyaba ata nyamiramabi zihari! Iyi nomero ya Réveillez-vous! iravuga ingorane inyamiramabi zihangana na zo kw’isi yose.”