Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ruheshi: Ni Ibiki Imana Idusaba?, Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Aho abanyamuhana bamaze kuronka ivyo bisohokayandikiro, igitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga Imana Imwe Nsa y’Ukuri kirashobora gushikirizwa. Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles.” Udutabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, twoshobora gushikirizwa aho bibereye. Udutabu La voie de Dieu est une voie d’amour, Les esprits invisibles—Sont-ils bons ou malfaisants? hamwe na Y a-t-il un Dieu qui se soucie de nous? na two nyene twoshobora gushikirizwa. Nyakanga: La Révélation: le grand dénouement est proche! canke La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?
◼ Amagenekerezo y’amahwaniro y’intara yimiririje muri Tanzaniya yahinduwe uku: Sumbawanga na Songea rizogirwa ku wa 2-4 Myandagaro 2002, aho kugirwa ku magenekerezo ya 3 na 4, Myandagaro 2002. Bukoba rizogirwa ku wa 23-25 Myandagaro 2002, aho kugirwa ku magenekerezo ya 24 na 25 Myandagaro.
◼ Ugushikiriza impapuro z’umutsindo muri rya Shure Rimenyereza Abasuku rigira 11 ryo muri Kenya vyabaye ku wa 4 Munyonyo 2001. Iryo shure rirabandanya kuronsa ukumenyereza kw’agaciro abavukanyi bafise agatima ko kwitanga kugira ngo barushirize kugira uruhara runini mu gikorwa c’iyimbura. (Mat. 9:36, 37) Abakurambere n’abakozi b’ishengero b’abirebange bafise hagati y’imyaka 23 na 50 y’amavuka, bazi Icongereza canke Igifaransa kandi bashimishwa no kuja muri iryo shure, barashobora kwitaba inama y’abipfuza kuja muri iryo shure izoba kw’ikoraniro ry’umuzunguruko rizokurikira.
◼ Guhera ku nomero yo ku wa 15 Mukakaro 2002, Umunara w’Inderetsi mu Kirundi uzohora usohoka kabiri mu kwezi.
◼ Amafomu y’ishengero arungikwa rimwe mu mwaka ariko ararungikirwa amashengero uko agenda araboneka. Inyobozo zijanye n’ivy’ukuntu ayo mafomu agabanganywa zizokwerekanwa ku rupapuro ruriko urutonde rw’ibirungikwa. Mu gihe hari amashengero menshi akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, umuhuzabikorwa w’ibisohokayandikiro akwiye kuraba neza ko ishengero ryose ryaronse amafomu ryasavye ubwo nyene agishika.
◼ Umucungezi-muhagarikizi canke umuntu yagenywe na we akwiye gukenguza ivy’amakonte y’ishengero ku wa 1 Ruheshi canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze gukorwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte izokurikira imaze gusomwa.
◼ Ikinyamakuru Réveillez-vous! mu rurimi rwitwa Urdu cahora gisohoka rimwe mu kwezi kigiye kuzohora gisohoka rimwe mu mezi atatu, bikazotangurana n’inomero ya Ndamukiza-Ruheshi 2002.
◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:
Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa? (Agapapuro k’Inkuru Nziza No. 25)—mu Kikamba no mu Kikuyu
◼ Amakaseti ya Videwo Mashasha Aboneka:
The Greatest Man Who Ever Lived (Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose)—Kw’Ikaseti ya Videwo, Imbumbe y’8—mu Mvugo y’Ibimenyetso y’Ikinyamerika