Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) 15 Ndam.
“Ahantu aho ari ho hose abantu baba, baritwararika ugutekanirwa, nk’ukuronka akazi keza no kukagumamwo. Ariko none woba urigera wibaza nimba hari isōko ry’umutekano uramba, ryogushoboza kubaho ata nkomanzi ibihe vyose? [Soma Zaburi 16:8, 9.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irihweza aho umuntu ashobora gusanga umutekano nyakuri.”
Réveillez-vous! 22 Ndam.
“Benshi muri iki gihe bariko barava mu madini kugira ngo basenge Imana mu buryo bwabo bwite. Wiyumvira iki ku vyerekeye iyo mpengamiro? [Nurindire inyishu.] Bibiliya irerekana yuko ku Mana, uburyo dusenga buri n’ico buvuze koko. [Soma Yohana 4:24.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iravuga ivyerekeye uburyo bwiza kuruta bwo kwironsa mu buryo bukwiye ivyo ukeneye mu vy’impwemu.”
Umunara w’Inderetsi 1 Rus.
“Woba uzi umuntu asinzikajwe n’indwara canke acumukura bivuye ku bumuga? Nta nkeka uremera yuko mwene abo bantu bakeneye indemesho. Ariko none ni igiki dushobora kuvuga kugira ngo tubaremeshe? Bibiliya iratanga amajambo y’icizigiro. [Soma Yesaya 35:5, 6.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irasigura igituma dushobora kwemera tudakekeranya yuko ubwo buhanuzi buzoranguka.”
Réveillez-vous! 8 Rus.
“Muri uyu mwaka uheze, amahoro yarageramiwe kuruta uko vyigeze kumera. Woba wiyumvira yuko ububasha bw’intwaro z’abantu bushobora gusasagaza amahoro kw’isi yose? [Amaze kwishura nusome Yesaya 2:4.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irerekana igituma dushobora kwizigira ata gukeka yuko ubu bwa vuba amahoro kw’isi yose agiye kutaba umugani.”