Ikete Rivuye ku Nama Nyobozi
Uko dutangura ikinjana ca 21, turi n’umunezero wo kubandikira, “umuryango wose w’abavukanyi” uri kw’isi, twongera tubakeza ku bw’ubutame bwanyu mu gikorwa. (1 Pet. 2:17, NW) Haraheze hafi imyaka 2.000, Yezu abajije ati: “Arik’ Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’azosanga ukwizera mw isi?” (Luka 18:8) Umwete mwakoranye mu gikorwa mu mwaka w’umurimo uheze urishura ico kibazo ca Yezu n’ijwi risamirana riti: egome! Bamwe muri mwebwe baracokowe, baratyekezwa kubera ukwizera kwabo. Mu burere bwinshi, murihangana naho muhangana n’intambara, ibiza, indwara, canke amapfa. (Luka 21:10, 11) Bivuye ku mwete mufise ku bw’ibikorwa vyiza, Yezu n’ubu arashobora “[gu]sanga ukwizera mw isi.” Nta nkeka ko mw’ijuru hari umunezero kubera ivyo!
Turazi yuko kwihangana bitoroshe. Reka turimbure ibigeragezo bishikira abavukanyi bacu bo mu gihugu kimwe co muri Aziya yo mu burengero. Ubukazi bugirirwa Ivyabona vya Yehova ni nkaho ari ikintu gisanzwe muri ico gihugu. Mu misi iheze, abajejwe umutekano barashwiragije abantu bashika ku 700 bari bibereye kw’iteraniro ritekanye. Baratambitse ibintu mw’ibarabara kugira ngo babuze abandi bashika ku 1.300 kuryitaba. Igitero c’abantu biyoberanije mu maso, bamwe muri bo bakaba bari abajejwe umutekano, barateye akaguma mu kibanza c’iteraniro, barakubita benshi mu bari baryitavye, batako baraturira ivyari vyateguriwe gukoreshwa kuri iryo teraniro. Mu bindi bihe, abanyamadini b’intagondwa barakubise bunyamaswa abavukanyi bacu babakubitisha ibihiri biriko imisumari.
Ibitero mwene ivyo ni agacavutu ariko ntibitangaje. Intumwa Paulo yarahumekewe mu kwandika ati: “Mber’abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.” (2 Tim. 3:12) Mu kinjana ca mbere, Abakirisu barihanganiye uruhamo rwo ku mubiri n’urwo mu majambo, kandi mbere bamwe barishwe. (Ivyak. 5:40; 12:2; 16:22-24; 19:9) Uko ni ko vyabaye no mu kinjana ca 20 kandi nta nkeka ni ko bizobandanya kumera no mu kinjana ca 21. Naho ari ukwo, Yehova atubwira ati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara.” (Yes. 54:17) Ese ingene iryo sezerano rikura amazinda ari igitangaza! Nkako, turi n’agaciro kuri Yehova nk’uko yabivuze abicishije ku mumenyeshakazoza wiwe Zekariya ati: “Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ry[anj]e.” (Zek. 2:8) Abansi b’abasenga Yehova nta ntsinzi ihambaye bafise. Ugusenga gutyoroye kuzotsinda!
Nk’akarorero, muri ico gihugu cavuzwe kare, Ivyabona vya Yehova baranezererewe ibitigiri bibiri vy’agaheta vy’abamamaji mu mwaka w’umurimo w’2001. Vy’ukuri, abavukanyi bacu b’aho hantu barashishikara igikorwa naho bakomerewe, nk’uko bimeze n’ahandi hose. Kw’isi yose mu mwaka w’umurimo uheze, abantu 5.066 barabatijwe ku ndwi ku ndwi bwa kimenyetso c’uko biyeguriye Yehova. Ubu abo bashasha, bifatanije na twe twese bariyemeje “guhagarara [ba]kwiye kandi [ba]fise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.”—Kol. 4:12, NW.
Rimbura kandi ukuntu ibintu biheruka gutera bija imbere mu Bugiriki. Naho bamaze imyaka mu ruhamo rukaze rwava kw’ishengero rya Orotodogisi ry’Abagiriki, Ivyabona vya Yehova ubu baremewe n’intwaro yaho bwa “dini rizwi.” Urwandiko rwemeza ivyo rwongerako ruvuga yuko inyubakwa ya Beteli yo mu Bugiriki ari “ahantu heranda, hahebewe ivy’ugusenga Imana.” Turi n’umunezero kandi wo kubamenyesha yuko mu mwaka w’umurimo uheze, sentare zashikirije ingingo zijanye n’amategeko zorohereza ugusenga kwacu muri Bulugariya, muri Kanada, muri Leta Zunze Ubumwe, muri Rumaniya, mu Budagi, mu Burusiya no mu Buyapani. Ese ingene dushimira Yehova kuba yagumye yuguruye urugi rujana mu gikorwa muri ivyo bihugu!
Igihe turimbuye uburyo Yehova ashigikira abasavyi biwe muri iyi misi y’iherezo, turabona yuko ari we Mugenzi aruta abandi bose dushobora kuronka. Turanezererwa ubucuti dufitaniye nawe, tukamenya yuko adukunda, atwigisha, kandi akadukosora. Vy’ukuri, tuzobandanya guhura n’ibigerageza ukwizera kwacu. Ariko ukwizera Yehova kutanyiganyiga kuzodukomeza kudushigikire. Yakobo yanditse ati: “Mwiyumvire kw ar’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana.” (Yak. 1:2, 3) Ikigeretseko, ukwihangana tugira kugaragaza urukundo dufitiye Yehova, maze ivyo bikadutera umunezero mwinshi! Nimumenye ata gukekeranya, bavukanyi bakundwa, yuko Yehova azoshigikira umwe wese muri twebwe. Nitwaguma turi abizigirwa, ntazonanirwa kudufasha ngo twinjire mw’isi nshasha. Ashaka ko twererwa.
Ku bw’ivyo, turabahimirije yemwe bavukanyi, bavukanyikazi, abakiri bato namwe abakuze, kugumiza hafi mu muzirikanyi imihezagiro y’akaroruhore iri imbere. Ese twogira inyifato nk’iy’intumwa Paulo we yanditse ati: “Niyumvira yukw imibabaro y’iki gihe idakwiye kugereranywa n’ubgiza tuzohishurirwa.” (Rom. 8:18) Mwizigire Yehova igihe muhanganye n’ukurwanywa ukwo ari kwo kwose. Mwihangane, maze ntimwemere guteshwa ngo mute. Ntimuzokwigera muvyicuza na rimwe. Ijambo ry’Imana ridusezeranira riti: “Arik’umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.”—Hab. 2:4.
Abavukanyi banyu,
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova