Nufashe Abandi Bacike Abakunzi b’Imana
Twaranezerewe igihe twaronka agatabu gashasha, Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! Ku bijanye n’ako gatabu, Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Nzero, 2001, urupapuro rwa 25, wavuze uti: “Harakenewe cane inyigisho ya Bibiliya yoroheje mu mihingo myinshi yo kw’isi, kandi ako gatabu kazokoreshwa kugira ngo gashitse ico kintu. Azoba ari umuhezagiro ukomeye ku bantu bize udushure dukeyi canke badashoboye gusoma.” Dushobora gukoresha gute ako gatabu kugira ngo dufashe mwene abo bantu gucika abakunzi b’Imana?—Yak. 2:23.
Ku bantu badashobora gusoma ariko bakaba bashimishwa n’ivya Bibiliya, duhora dukoresha agatabu Kuba kw’Isi n’amafoto yako menshi akwegera. Tumaze guheza ako gatabu, vyoba vyiza twize agatabu Umukunzi w’Imana! na Ni Ibiki Imana Idusaba? Vyoba bibereye kandi gusahiriza abo bantu mu kwiga gusoma no kwandika mukoresheje Agatabu Niwijukire Gusoma no Kwandika. Mu guheraheza, murashobora gusuzumira hamwe na mwene abo bantu igitabu Ubumenyi kugira ngo mubategure ku bwo kwiyegura no kubatizwa.
Mugabo ntiwumve, urashobora gushikiriza agatabu Umukunzi w’Imana! igihe ugendeye umuntu ari bwo bwa mbere kandi ukagakoresha mu gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Turetse mu Congereza no mu Giswahili, ako gatabu karaboneka kandi mu ndimi nyinshi abantu bavuga nka: Acholi, Kikamba, Kikuyu, Kirundi, na Luganda.
Bavyeyi, mwoba mumaze kwigana n’abana banyu bakiri bato agatabu Umukunzi w’Imana? Ivyo bizobafasha gutsimbataza ubucuti buhimbaye kandi butagiramwo inkomanzi na Yehova. Nimwigishe abana banyu ingene bokwitwararika inyiyumvo z’Imana. Mu gihe mwigana n’abana banyu hamwe n’uwundi muntu yashimishijwe, nimuserure urukundo ubwanyu mufitiye Yehova n’ivyo akora. (Zab. 103:2) Gutyo, tuzonezerezwa no kubafasha kugira ngo bacike abakunzi b’Imana.