Nitugume “Dukora Ivyiza”
1 Waragize neza igihe wacika umusavyi wa Yehova Imana. Ariko rero ubu, urugamba muri ibi bihe bigoye ni urwo kuguma “dukora ivyiza.” (Gal. 6:9) Naho ivyo bisaba akigoro nyako, urashobora kubigira. Gute?
2 Nutsimbataze Inyifato yo mu Mutima ya Kirisitu: Nka kumwe kwa Yezu, urashobora kwihanganira ibigeragezo mu gihe ugumye uhanze amaso icizigiro c’Ubwami. (Heb. 12:2, 3) Shira amazinda, Yehova aragukunda kandi ashaka ko uroranirwa. (2 Pet. 3:9) Numwizigire uherezeko, wizeye yuko azogufasha. (1 Kor. 10:13) Nukomere ku muheto mw’isengesho, usaba Yehova ngo agufashe kwihangana. (Rom. 12:12) Nunezererwe ukujijuka yuko ukwihangana kwawe kuzogushikana ku gushimwa mu nyonga z’Imana. (Rom. 5:3-5) Ukudahemuka kwawe mu gutsimbataza “ya nyifato yo mu mutima nk’iyo Kirisitu Yezu yari afise,” (NW) bizotuma wumva ushize akanyota, vyongere bitume unezereza umutima wa Yehova.—Rom. 15:5; Imig. 27:11.
3 Nugume Ukora Ibigororotse: Niwungukire bimwe bishitse ku ntunganyo Yehova yashizeho ku bw’abasavyi biwe kugira ngo abafashe kuguma bakora ivyiza. Nugumye akamenyero keza ko kwisomera Ijambo ry’Imana no kwiga ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vya wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Niwitegurire amakoraniro y’ishengero wongere uyitabe kandi uyagiremwo uruhara, udahemuka. Imbere y’amakoraniro ya gikirisu n’inyuma yayo, niwiyegereze cane abavukanyi hamwe n’abavukanyikazi bawe bo mu vy’impwemu. Niwishingire imigambi ishoboka ku bw’ubusuku bwawe bizotume ugira uruhara ruri n’ico ruvuze mu murimo wo mu ndimiro, wongere uryohore ubuhanga bwawe bwo gushikiriza abandi inkuru nziza.
4 Ukwo ni ko ushobora kuguma ukora ivyiza maze ukanaronka umunezero mwinshi. Mu bijanye n’ivyo, umuvukanyi wo mu Butariyano yavuze ati: “Bugorovye ngataha i muhira namaze umusi mu gikorwa ca Yehova, ndumva ndushe koko. Ariko ndahimbarwa kandi ngashimira Yehova kuba yampaye umunezero ata n’umwe ashobora kuntwara.” Nk’ukwo nyene, nugume ukora ivyiza, nawe uzoheza ugire umunezero mwinshi.