ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/01 rup. 8
  • Yehova Aratanga Ububasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Aratanga Ububasha
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Araha Inkomezi Uwurushe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • ‘Turondere Yehova n’Inkomezi Ziwe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yehova azokuronsa inkomezi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • “Ntudebukirwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 2/01 rup. 8

Yehova Aratanga Ububasha

1 Wewe ubona gute intumwa Paulo? Uko dusoma igitabu c’Ivyakozwe, turashima ukuntu yari inkundabikorwa mu murimo wa Yehova. Ibintu vyose Paulo yakoze yashoboye gute kubirangura? Yavuze ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.” (Flp. 4:13) Na twebwe turashobora kwungukira ku bubasha Yehova atanga. Gute? Mu kwungukira ku ntunganyo zitandatu agira ku bwacu kugira ngo turonke inguvu n’inkomezi zo mu vy’impwemu.

2 Ijambo ry’Imana: Nka kurya nyene dutegerezwa gufungura kugira ngo tuzigame inkomezi zacu z’umubiri, ni ko dutegerezwa kwihereza Ijambo ry’Imana kugira ngo tugume turi bazima mu buryo bw’impwemu. (Mat. 4:4) Bibiliya iratanga ububasha bwo kudushigikira. Kugira ngo tuzigame umwete n’igishika dufitiye ukuri, dukeneye kuja mu vy’ukwiyigisha n’ukuzirikana mu buryo buri n’ico buvuze, ku musi ku musi nimba bishoboka.—Zab. 1:2, 3.

3 Isengesho: Birahambaye ko twiyegereza Yehova, canecane mu bihe tubikeneye bimwe bidasanzwe. Biciye ku mpwemu yiwe, araha ububasha butanga inguvu ababumusaba mw’isengesho. (Luka 11:13; Ef. 3:16) Ivyanditswe bituremesha “[g]ushishikar[a] gusenga.” (Rom. 12:12) None ivyo uhora ubigira?

4 Ishengero: Turakura kandi inkomezi n’indemesho ku makoraniro y’ishengero no ku kwifatanya n’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu kurangwa igishika twinovora ngaho. (Heb. 10:24, 25) Igihe tudugaritswe umutima, barafasha mu kutuvyura no mu kudusahiriza mu buryo buranga urukundo.—Imig. 17:17; Umus. 4:10.

5 Ubusuku bwo mu Ndimiro: Ukugira uruhara tudahorereza mu busuku biradufasha kuguma duhanze amaso Ubwami n’imihezagira yabwo. Imizirikanyi yacu irahimbarwa igihe dufasha abandi kwiga ivyerekeye Yehova. (Ivyak. 20:35) Si bose bashobora kwimuka ngo bakorere aho inkenero ari nini kuruta canke ngo bagire uruhara mu murimo w’igihe cose, ariko turashobora kugira uruhara mu bundi buryo buri n’ico buvuze mu busuku.—Heb. 6:10-12.

6 Abacungenzi b’Abakirisu: Turungukira ku ndemesho no ku nsahirizo abakurambere batanga. Yehova yabashinze kuragira umukuku w’Imana bajejwe kubungabunga. (1 Pet. 5:2) Abacungezi b’ingenzi barubaka amashengero bakorera, nk’uko nyene Paulo yabigize mu gihe ciwe.—Rom. 1:11, 12.

7 Uturorero tw’Abizerwa: Birongerereza inguvu kurimbura uturorero twiza tw’abakozi bagenzi bacu b’abizerwa, abo mu gihe ca kera n’abo mu gihe ca none. (Heb. 12:1) Igihe ukeneye kwongererezwa inguvu, ni kuki utosoma kamwe mu dukuru tw’ubuzima turemesha turi mu binyamakuru vyacu, raporo yubaka iri mu gitabu c’umwaka (Annuaire), canke zimwezimwe muri za nkuru ziteye akamwemwe za kahise k’Ivyabona vya Yehova ziri mu gitabu Prédicateurs?

8 Umuvukanyi umwe, ubu ageze nko mu myaka 95, yakiriye ukuri ari agahungu kakiri gato. Igihe yari akiri muto, ukwizera kwiwe kwarashizwe mu kigeragezo. Ubwa mbere, bamwebamwe mu bari bifatanije n’ishengero b’abanyamwete barataye ishirahamwe rya Yehova. Maze hariho igikorwa c’inzu ku nzu, ico yasanze kigoye. Ariko rero, yama nantaryo yiheka kuri Yehova. Bidatevye yaranezererewe ico gikorwa. Muri iki gihe ho bite? Naho amagara atera ayama, aracari uwo mu bagize umuryango wa Beteli y’i Brooklyn, akaba ari mu bagize Inama Nyobozi. Ntiyicuza namba ku kuba yarumiye kw’ishirahamwe rya Yehova.

9 Umuvukanyikazi umwe ari mu bagize umuryango wa Beteli yo mu Bwongereza yabatijwe igihe yari afise imyaka 13. Yari yatanguye gukora ubutsimvyi afatanije na musazawe mu mwaka ukurikira, maze inyuma y’umwaka se arapfungwa kubera atagira aho yegamiye mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose. Yabandanije guhanga amaso Yehova ngo amuhe ububasha, kandi yarabandanije gukorera Imana y’ukuri. Mu nyuma, yarubakanye n’umuvukanyi w’umwizerwa, kandi bose bagumye bakora ukugomba kwa Yehova. Inyuma y’imyaka 35 y’umubano wabo, umugabo wiwe yarapfuye giturumbuka. Yongeye kandi gukura inkomezi kuri Yehova, kandi yagumye abandanya gukorera Yehova gushika muri iki gihe, akaba yiteze kuzomukorera ibihe bidahera ari mu bagize umuryango wa Yehova wo kw’isi.

10 Yehova arasahiriza kandi agaha inguvu abasavyi biwe b’abizerwa. “Ni we aha inkomezi abadendebukiwe; kand’ūtagira intege amwongeramw’inkomezi.” Turashobora kwikora kuri iryo soko ritagira urugero ry’ububasha mu kwungukira ku ntunganyo zitandatu zose zavuzwe aho haruguru. Niwibuke ibi: “Abīteze [Yehova] bazokwama biyubura mu nkomezi nsha . . . biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.” (Yes. 40:29-31) Paulo yiheka cane kuri Yehova ngo amuhe inkomezi, kandi natwe ni ko dutegerezwa kubigenza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika