Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Nzero: Igitabu c’impapuro 192 ico ari co cose casohowe imbere y’1986 ishengero rishobora kuba rifise mu bubiko. Amashengero afise igitabu L’humanité à la recherche de Dieu arashobora kandi kugishikiriza. Ruhuhuma: La Révélation: le grand dénouement est proche!, La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?, canke igitabu ca kera c’impapuro 192 ico ari co cose ishengero rifise mu bubiko. Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Ndamukiza: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Aho ugushimishwa kubonetse mu gihe co kugira amasubirayo, harashobora gushikirizwa abonema. Nimushikirize igitabu Ubumenyi canke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana.
◼ Turabasavye mumenye yuko Icibutso co mu mwaka w’2002 kizogirwa ku wa Kane, igenekerezo rya 28 Ntwarante izuba rirenze aho kuba ku wa Gatanu, igenekerezo rya 22 Ntwarante nk’uko vyerekanywe ku mpera ya Calendrier 2001. Ivyo bimenyeshejwe imbere y’igihe kugira abavukanyi bashobore kubikisha ibibanza bikenewe canke bashobore kugira ivyo baringaniza ku bw’inyubakwa zihari igihe hariho amashengero menshi akoresha Ingoro y’Ubwami imwe hanyuma bakaba bategerezwa kurondera ibindi bibanza. Abakurambere bakwiye kwumvikana neza n’abahagarikiye inyubakwa yuko hatazoba ibibononera bitumwe n’ibindi bintu vyokorerwa muri iyo nyubakwa, kugira iryo himbazwa ry’Icibutso rishobore kurangira mu mahoro kandi ku rutonde. Kubera ko ico kiringo gihambaye, mu kugena uwushikiriza insiguro y’Icibutso inama y’abakurambere ikwiye kurobanura umwe mu bakurambere abishoboye kuruta, aho gupfa kuza barakuranwa canke gukoresha umuvukanyi aguma ari wa wundi nyene ku mwaka ku mwaka. Ivyo bishobora kugirwa gusa mu gihe hari umukurambere abishoboye wo mu basizwe ashobora gutanga iyo nsiguro.
◼ Guhera ku nomero yo ku wa 8 Nzero 2001, Réveillez-vous! izoboneka mu rurimi rw’Icurudu bwa nteguro isohoka rimwe mu kwezi.
◼ Abamamaji bose babatijwe bazoba bari kw’Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku wa 8 Nzero barashobora kuronka ya karata L’Instruction médicales/Pas de sang (Amabwirizwa mu vy’Ubuvuzi/Ntimuntere Amaraso) be na twa Dukarata Karanzi ku bw’abana babo.
◼ Guhera muri Ruhuhuma, kandi bitarenze kw’igenekerezo rya 4 Ntwarante, insiguro y’icese nshasha izoza irashikirizwa n’abacungezi b’imizunguruko izoba ifise umutwe uvuga ngo: “Umusi wo Guca Urubanza—Coba Ari Igihe co Kugira Ubwoba Canke Icizigiro?”
◼ Amashengero akwiye kugira indinganizo zibereye zerekeye uguhimbaza Icibutso muri uyu mwaka ku w’Iyinga igenekerezo ry’8 Ndamukiza izuba rirenze. Naho insiguro ishobora gutangura hakiri kare, ugutembereza ibimenyetso ntigukwiye gutangura izuba ritaramara kurenga. Murabariritsa iwanyu kugira ngo mumenye igihe izuba rirengera mu karere iwanyu. Kubera yuko ata yandi makoraniro ategerezwa kugirwa kuri uyo musi uretse ayagenewe igikorwa co mu ndimiro, hakwiye kugirwa amahinduka abereye ku bw’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi kugira ngo urongorwe mu kindi gihe. Abacungezi b’imizunguruko bazokenera guhindura urutonde rwabo rw’amakoraniro rw’iyo ndwi bakurikije uko ibintu vyifashe aho bari. Naho ari vyiza ko ishengero ryose rihimbaza Icibutso riri ukwaryo, ivyo ntivyama birashoboka. Aho usanga amashengero menshi asanzwe akoresha Ingoro y’Ubwami imwe, kumbure rimwe canke ayarenga arashobora kuronka iyindi nyubakwa akoresha kuri uwo mugoroba. Aho bishoboka, twobagira inama n’imiburiburi gusiga iminuta 40 hagati y’amaporogarama kugira ngo bose bashobore kwungukira bimwe vyuzuye kuri ico gihe, haboneke umwanya wo kuramutsa abashitsi no kuremesha abashimishijwe bashasha. Murakwiye kandi kwihweza ivy’uruja n’uruza rw’imiduga be n’ivyerekeye aho kuyihagarika mutibagiye n’ivyo kuzana be no gutahukana ingenzi. Inama y’abakurambere ikwiye kuraba indinganizo zoba zibereye aho iwanyu.
◼ Insiguro y’icese idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2001 izoshikirizwa ku w’Iyinga igenekerezo rya 1 Ndamukiza. Umutwe w’iyo nsiguro uzoba ari: “Ni Nde Ashobora Gukizwa?” Urucacagu rw’iyo nsiguro muzoruhabwa. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko kuri iyo mpera y’umushamvu, ayazoba afise iteraniro ry’umuzunguruko, canke ayazoba afise umusi w’iteraniro ridasanzwe, azoshikirizwa iyo nsiguro idasanzwe ku ndwi yo ku wa 9 Ndamukiza. Nta shengero rikwiye gushikiriza iyo nsiguro idasanzwe imbere yo ku wa 1 Ndamukiza 2001.
◼ Guhera ku nomero yo ku wa 1 Nzero 2001, Umunara w’Inderetsi uzoboneka mu Gikerewole co muri Seychelles bwa nteguro isohoka rimwe mu kwezi.
◼ Guhera ku nomero yo ku wa 8 Nzero 2001, Réveillez-vous! izoboneka mu Curudu bwa nteguro isohoka rimwe mu kwezi.
◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Biboneka:
Tu peux être l’ami de Dieu! (Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!)—mu Carabu, mu Gishinwa (Coroheje), no mu Giswahili
◼ Amakasete Mashasha yo Kwumviriza Aboneka:
Gardez l’oeil simple (Nugumane Ijisho Riremuruye) (Idaramu, ikaseti imwe)—mu Kigujarati, no mu Gihindi