Isubiramwo ry’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Isubiramwo rigirwa ibitabu bizinze ry’amayagwa yihwejwe mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, yo ku mushamvu wo ku wa 4 Nyakanga gushika ku wo ku wa 18 Kigarama 2000. Korera ku rundi rukaratasi mu kwishura ibibazo vyinshi ushoboye mu mwanya watanzwe.
[Ibimenyeshejwe: Mu gihe c’iryo subiramwo, ushobora gukoresha Bibiliya yonyene kugira ngo wishure ikibazo ico ari co cose. Amarabiro yatanzwe inyuma y’ibibazo agenewe kworohereza ubushakashatsi wewe wigirira. Ibitigiri biranga urupapuro n’ingingo bishobora kuterekanwa ku marabiro arungika ku Munara w’Inderetsi.]
Ishura Ni Vyo canke Si Vyo ku bivuzwe bikurikira:
1. Dawidi yabujije Abishayi kwica Shimeyi kubera yuko Dawidi yagirwa n’ibirego Shimeyi yariko aramurega. (2 Sam. 16:5-13) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w99-F 1/5 rup. 32 ing. 3.]
2. Kubera yuko “ugutoza indero” ahanini bisigura “ukwigisha n’ukurera bigirirwa ku rutonde canke bitunganijwe neza,” ntibigarukira gusa ku guhana umwana. [fl-RU rup. 133 ing. 6]
3. “Umuriro” Paulo avuga mu 1 Ab’i Korinto 3:12, 13 ugereranya ibigerageza ukwizera kwacu. [w98-RU 1/11 rup. 25 ing. 13]
4. Ingoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi ishobora kugereranywa n’ubutegetsi bwa Salomo bwarangwa amahoro n’ugusagamba bwamaze imyaka 40. (1 Abm. 4:24, 25, 29) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w90-F 1/6 rup. 6 ing. 5.]
5. Ifubwa rya rupfasoni rya Abiya ni ikimenyamenya gitomoye c’uko yari umusavyi wa Yehova w’umwizerwa, we wenyene mu nzu ya Yerobowamu. (1 Abm. 14:10, 13) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-RU 1/4 rup. 23 ing. 11.]
6. Abantu ibihumbi bitatu barapfuye kubera basenze inyana y’inzahabu mu bugaragwa, kandi ni icigwa c’uko Yehova ari we gusa akwiye gusengwa. [my-RU Inkuru ya 36]
7. Yehova yahaye Eliya ubushizi bw’amanga burengeye ubw’umuntu, yongera aramurinda ubwoba. (1 Abm. 18:17, 18, 21, 40, 46) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w98-F 1/1 rup. 31 ing. 2.]
8. Yehova yaruhutse ku musi ugira indwi kubera yuko yari arushe. [w98-RU 1/8 rup. 13, 14 ing. 3, 7]
9. Uruhumyi rwatejwe intwaramiheto z’Abasiriya bivuzwe na Elisa rwari vy’ukuri uruhumyi rwo mu bwenge kubera yuko bashobora kubona Elisa mugabo ntibashobore kumenya uwo yari we. (2 Abm. 6:18, 19) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba si-SW rup. 71 ing. 10.]
10. Kwambara “Ibishinga intahe” bivugwa mu 2 Abami 11:12, cari ikimenyetso c’ikigereranyo cashushanya yuko insobanuro y’umwami y’Ivyagezwe vy’Imana yari yo ntabanduka ikaba kandi yari ikwiye ko bayigamburuka. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w91-F 1/2 rup. 31 ing. 6.]
Ishura ibibazo bikurikira:
11. Ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu bushobora kutugirira iki mu gihe dufata ingingo zishusha umutwe? [w97-RU 1/4 rup. 19 ing. 19]
12. Muri 2 Samweli 18:8, ahavuga ngo “ikibira kimira abantu benshi kuruta abishwe n’inkota” hasigura iki? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w87-F 15/3 rup. 31 ing. 2.]
13. Ni bande muri iki gihe bashobora kugereranywa n’abo mu muryango wa Goliyati Umurefa, kandi ni igiki bihatira gukora? (2 Sam. 21:15-22) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w89-RU 1/1 rup. 9 ing. 8.]
14. Ni icigwa giki dushobora kwigira kuri wa mugabo yitwa Akani? [my-RU Inkuru ya 47]
15. Umuntu ashobora kwinjira gute mu musi w’akaruhuko k’Imana? [w98-RU 1/8 rup. 17 ing. 20]
16. Dushobora gukora iki mu kwigana wa mwamikazi w’i Sheba, uwagize urugendo rurerure kugira yumve “ingene Salomo ar’umunyabgenge”? (1 Abm. 10:1-9) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w99-F 1/7 rup. 31 ing. 1-2.]
17. Turavye 1 Abami 17:3, 4, 7-9, 17-24, ni mu buhe buryo butatu Eliya yagaragaje ukwizera muri Yehova? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w92-F 1/4 rup. 19 ing. 5.]
18. Ni kuki ukuba Naboti yaranse guha uruzabibu Ahabu kutari gusa ukugaragaza yuko yari intagondwa? (1 Abm. 21:2, 3) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-RU 1/8 rup. 25 ing. 18.]
19. Amajambo ari mu 2 Abami 6:16 yafashije gute mu kuremesha abasavyi ba Yehova muri iki gihe? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w98-RU 1/7 rup. 9 ing. 5.]
20. Ni igiki dukwiye gushira mu muzirikanyi ku vyerekeye agashusho k’inyuma? [w97-RU 1/7 rup. 11 ing. 11]
Tanga i(ama)jambo canke imvugo (b)ikenewe kugira wuzuze ibivuzwe bikurikira:
21. Abantu barabirwa ku vyo _________________________ kuruta ivyo _________________________. [fl-RU rup. 113 ing. 31]
22. _________________________, _________________________, na _________________________, bari kumwe n’abakuru 250 bo mu bantu, barishwe kubera bagararije igenwa rya Musa ngo abe indongozi ya Isirayeli. [my-RU Inkuru ya 39]
23. Umusi wo gupfa ushobora kuba mwiza gusumba umusi wo kuvukirako mu gihe _________________________. [w97-RU 1/3 rup. 13 ing. 20]
24. Nk’uko bibonerwa mu vyabaye ku mujenerali w’Umusiriya _________________________, rimwe na rimwe hari inyungu zihambaye umuntu akura ku _________________________ na gutoya. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w99-RU 1/2 rup. 3 ing. 6–rup. 4 ing. 1.]
25. Nk’uko umutima wa Yehonadabu wari kumwe n’Umwami Yehu, _________________________ muri iki gihe riremera icese n’umutima wabo wose Yehu Mukuru ari we _________________________ kandi bagasenyera ku mugozi umwe na we, uwuserukirwa kw’isi n’_________________________. (2 Abm. 10:15, 16) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w98-RU 1/1 rup. 24 ing. 5-6.]
Robanura inyishu y’ukuri muri kimwekimwe mu bivuzwe bikurikira:
26. (Shetani; Yehova; Yowabu) ni we yatumye Dawidi acumura mu ‘guharura Abisirayeli.’ (2 Sam. 24:1) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w92-F 15/7 rup. 5 ing. 2.]
27. Mu buryo buhuje na 1 Abami 8:1 be n’Umusiguzi 1:1, Salomo yakoranije abantu kugira ngo (bubake urusengero; bakurikirane abansi ba Isirayeli; basenge Yehova). [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba si-SW rup. 112 ing. 3.]
28. Ikiringo c’imyaka 20 Salomo yamaze yubaka urusengero hamwe n’inzu yiwe i Yeruzalemu kigereranywa n’ikiringo c’ibogorwa ry’inyigisho be n’iry’ivy’ishirahamwe catanguye mu (1919; 1923; 1931) hanyuma kikarangira mu (1938; 1942; 1950). (1 Abm. 9:10) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w92-RU 1/3 rup. 11 akumba.]
29. Imvugo “ijuru” nk’uko ikoreshwa mu 2 Abami 2:11 yerekeza (ku hantu Imana iba ho mu buryo bw’impwemu; ikirere kiboneka; ikirere kiri hejuru y’isi, aho inyoni zigurukira n’imiyaga igahuhutira). [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-RU 1/10 rup. 12 akumba.]
30. Umuvyeyi akwiye gutangura kwigisha umwana wiwe (kuva mu buhinja, kuva ageze kuja kw’ishure, igihe agaragaje icipfuzo co kwiga Bibiliya). (2 Tim. 3:15) [fl-RU rup. 115 ing. 5]
Huza ivyanditswe bikurikira n’ibivuzwe bitondetswe aha hepfo:
Kuv. 16:16-18; 2 Abm. 3:11; 2 Kor. 1:24; Yak. 1:19; 1 Yoh. 3:21
31. Yehova arazi ukuntu aronsa abasavyi biwe ivy’umubiri mu bihe babikeneye. [my-RU Inkuru ya 34]
32. Amategeko canke amabwirizwa ashizweho gihuruduka usanga kenshi na kenshi ataranga ukwiyumvira kuroranye. Umuvyeyi akwiye kwiyumvira imbere y’ukuvuga. [fl-RU rup. 138 ing. 16]
33. Inama Nyobozi ni intunganyo iranga urukundo ikaba n’akarorero k’ukwizera gukwiye kwiganwa. [w98-RU 1/4 rup. 18 ing. 14]
34. Ni agateka kugaragaza ubwakiranyi no gusukurira abasavyi ba Yehova b’abizerwa bari mu gikorwa kidasanzwe, twicishije bugufi. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-F 1/11 rup. 31 ing. 1.]
35. Mu bihe vy’ugufungura turi kumwe n’imiryango yacu, amasengesho yacu akwiye kuba ayatomoye, ava ku mutima kandi agaragaza ubucuti dufitaniye n’Umuremyi. [fl-RU rup. 149 ing. 8]