Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Ni kuki ari nzanakunguko ku bumviriza kuraba ivyanditswe igihe umushikirizansiguro abibasavye iyo ariko arashikiriza insiguro yiwe?
Ibintu nk’ikibazo kiriko kirarimburwa hamwe n’ukumenya niba iyo nsiguro irimwo isuzumwa ry’umurongo ku wundi ry’igihimba c’Ijambo ry’Imana, bizofasha kumenya igitigiri c’ivyanditswe abumviriza bashobora gusabwa kuraba.
Birahambaye kugumiza ku muzirikanyi yuko imvo imwe yo kuraba ivyanditswe ari iyo kwemeza yuko ibiriko biravugwa biri muri Bibiliya. (Ivyak. 17:11) Iyindi ntumbero ni iyo gusuzuma ikimenyamenya co mu Vyanditswe mu gushigikira ibiriko birarimburwa kugira ngo ukwizera kwa bose gukomezwe. Mu kubona ico Bibiliya ivuga vy’ukuri igihe icanditswe nyamukuru gisomwa bizorushiriza kwiyandika mu mizirikanyi y’abumviriza. Uretse kuraba ivyanditswe, kugira utwo wanditse no kujanirana n’urukurikirane rw’ivyiyumviro biriko birashikirizwa, na vyo ni nzanakunguko.
Naho urucacagu Sosiyete yatanze rushobora kuba rutanga imirongo myinshi yo mu Vyanditswe mu gusigura ikintu, ivyo vyanditswe bitangwa ku neza y’umushikirizansiguro, kugira ngo bimufashe igihe ategura. Birashobora kumuronsa amakuru kuri kahise kandi bikamufasha mu bundi buryo kumenya neza ingingo zibishigikiye zo mu Vyanditswe no gutahura ukuntu ico kiganiro gisigurwa. Umushikirizansiguro aratoranya ivyanditswe akeneye cane kugira ngo ashikirize iyo nsiguro hanyuma agasaba abumviriza kujanirana na we igihe ivyo vyanditswe biriko birasomwa kandi bigasigurwa. Ibindi vyanditswe bishigikira amayagwa birashobora gusomwa canke bikavugwa mu yandi majambo, mugabo mu bihe nk’ivyo si ngombwa ko abumviriza babiraba.
Igihe umushikirizansiguro asoma ivyanditswe vyarobanuwe, asoma muri Bibiliya ubwaho, si ku rupapuro rwasohorewe kuri orodinateri. Iyo umushikirizansiguro asavye abumviriza kujanirana na we mu gusoma, avuga mu buryo butomoye igitabu ca Bibiliya, ikigabane n’umu(imi)rongo. Iyo aruhuka gatoyi kugira ngo abaze ikibazo canke ngo atange insasanuro ngufi ku gituma ico canditswe gikwiye gusomwa, atuma abumviriza baronka umwanya wo gutora ico canditswe. Gusubiramwo aho ico canditswe kiri na vyo bizofasha abumviriza kwibuka iryo rabiro. Ariko rero, ntibisabwa ko avuga urupapuro, kubera yuko impapuro zihindagurika bivuye ku bwoko bunaka bwa Bibiliya buriko burakoreshwa n’abari mu bumviriza. Kuraba ivyanditswe igihe basabwe kubigira birafasha abumviriza kwungukira ku bubasha bw’Ijambo ry’Imana igihe risobanurwa mu nsiguro.—Heb. 4:12.