ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/00 rup. 4
  • Woba Uri Umuntu w’Isoni?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Uri Umuntu w’Isoni?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Nokora iki mfise amasoni?
    Urwaruka ruribaza
  • Yehova azokuronsa inkomezi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • 2 Timoteyo 1:7: “Imana [ntiya]duhaye umutima upfana isoni n’ubwoba”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • ‘Ntibigutere ubwoba’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 7/00 rup. 4

Woba Uri Umuntu w’Isoni?

1 Ntidutangara iyo tubonye umwana mutoya aturungurukira inyuma ya nyina canke ya se. Ukugira isoni ni ikintu gisanzwe mu bwana. Mbere n’abantu bageze mu bigero, benshi usanga bisanganiwe isoni. Nimba isoni ziri n’ico zikwononera mu vy’ukugira uruhara mu murimo, ushobora gukora iki?

2 Kwihanganira Ukugira Isoni: Birahambaye kwitwararika “umuntu ahishijwe wo mu mutima.” (1 Pet. 3:4) Nukomeze urukundo ufitiye Yehova na mugenzawe. Nujijuke bimwe bishitse yuko kurangura umurimo twashinzwe wo kwamamaza inkuru nziza ari kimwe mu buryo bwiza kuruta bwo kwerekana urukundo rurangwa n’ukwitanga. Nugumane akamenyero keza ko kwiyigisha no kwitaba amakoraniro. Nusenge ubudasiba kandi usabe Yehova utomora ngo agufashe. Ukumwizera n’ukumwizigira gukomeye bizotuma ukomeza ukwizigira kandi bitume “[u]rushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana [u]shize amanga”—Flp. 1:14.

3 Nurwanye inyiyumvo z’ukwumva ko ataco umaze. Biboneka ko Timoteyo yategerezwa kuzirwanya. Paulo yararemesheje Timoteyo ngo “ntihakagire ū[m]ugayira ubusore [bwiwe],” aramwibutsa yuko “Imana itaduhaye umutima w’ubujora: ariko yaduhaye uw’ubushobozi.” (1 Tim. 4:12; 2 Tim. 1:7) Yehova yarakoresheje rwose Timoteyo, akaba na wewe nyene azogukoresha niwatera imbere ufise ukumwizigira kudahaze.—Zab. 56:11.

4 Kuzirikana ku gisomwa ca Bibiliya, nk’iki co muri Matayo 10:37, vyarafashije umuvukanyikazi yari afise isoni zigatuma atinya umugabo wiwe yamurwanya. Uko yihangana, ni ko igikorwa caza kirarushiriza kumworohera, hanyuma amaherezo umugabo wiwe, nyina hamwe na basaza biwe bose barakiriye ukuri!

5 Kwitegura Ni Ntahara: Ukwizigira kwawe kuzobandanya kwiyongera niwaza uritegurira neza igikorwa. Nurobanure amajambo yo gutanguza ikiyago yoroshe mu gitabu Comment raisonner canke mu nomero z’Igikorwa Dukorera Ubwami, uyatahure neza mu muzirikanyi hanyuma uyagireko umwimenyerezo. Aho gutsimbataza uguhagarika umutima kudakenewe, niwiyumvire ibintu vyiza. Nurahure umutima rugabo mu gukorana neza n’abandi. Nugumye ku muzirikanyi yuko benshi mu bantu uzohura na bo ku mihana ari abafise isoni, cokimwe nawe. Abantu bose barakeneye ubutumwa bw’Ubwami.

6 Nimba uri umunyesoni, ntiwihebure. Uko wimenyereza, Yehova azogufasha kuba umwamamaji nyawe w’inkuru nziza. Maze uzogira umunezero mu busuku bwawe.—Imig. 10:22.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika