ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/00 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 3/00 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gutanga muri Ntwarante: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Uritegekanya udutabu Ni Ibiki Imana Idusaba? two gusigira abantu bashimishwa kandi wihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ruheshi: Ni Ibiki Imana Idusaba? Nimwitunire ku gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana.

◼ Abamamaji bipfuza gukora nk’abatsimvyi bafasha muri Ndamukiza no muri Rusama bakwiye kubitegekanya ubu hanyuma bagasubiza amafomu bujuje hakiri kare. Ivyo bizofasha abakurambere kugira indinganizo zikenewe z’ivyo gusohoka mu ndimiro kandi bateganye ivy’uko hoba hari ibinyamakuru bikwiye hamwe n’ibindi bisohokayandikiro vyo gushikiriza. Amazina yabemerewe bose gukora ubutsimvyi bwo gufasha akwiye gutangarizwa ishengero ukwo ukwezi gutashe.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke umuntu yagenywe na we akwiye gusuzuma ivy’amakonte y’ishengero ku wa 1 Ntwarante canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze gukorwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte izokurikira ihejeje gusomwa.

◼ Icibutso kizohimbazwa ku wa Gatatu igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2000. Nimba ishengero ryanyu risanzwe rigira amakoraniro ku wa Gatatu, ayo makoraniro akwiye kwimurirwa ku wundi musi wo muri iyo ndwi nimba Ingoro y’Ubwami izoba igaragara. Nimba ivyo bidashoboka kandi Ikoraniro ry’Umurimo ryanyu rikaba ryogira ico rihomba, ibihimba vyaryo vyerekeye canecane ishengero ryanyu mushobora kuzovyongera ku rindi Koraniro ry’Umurimo.

◼ Abakukira ishengero rinaka bakwiye kurungika udukaratasi tw’abasavye abonema canke ukwiyongeza abonema y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, tudasize inyuma abonema zabo bwite biciye kuri iryo shengero bakukira.

◼ Sosiyete ntironsa abantu ibisohokayandikiro basavye umwe wese ukwiwe. Umucungezi muhagarikizi akwiye gutunganya ivy’uko ku kwezi ku kwezi hashikirizwa itangazo imbere y’uko ishengero rirungikira Sosiyete ya fomu yo ku kwezi yo gusaba ibisohokayandikiro. Ivyo vyogirwa kugira ngo abipfuza bose kuronka ibisohokayandikiro ku giti cabo bashobore kubimenyesha umuvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabasavye ntimwibagire ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe ivyo ari vyo.

◼ Birahambaye yuko imigwi y’abantu 20 canke barenga bategekanya kugendera ibiro vy’ishami rya Sosiyete babanza kubimenyesha ibiro imbere y’igihe bakoresheje ikete. Turabasavye kumenyesha igitigiri c’abazoza be n’igenekerezo n’igihe bazozirako. Imbere yuko muhagendera, turabasavye kwihweza Inyishu ku Bibazo Vyanyu mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1998 ku vyerekeye inyambaro ibereye hamwe n’ivy’ukwitunganya igihe ugendera inyubakwa za Beteli.

◼ Hariho umuganda w’amakete y’ivy’amategeko agenewe gusahiriza abamamaji bari mu manza zerekeye uwosigarana abana inyuma y’ukwahukana hamwe n’ugushobora kubagendera, zikaba ari imanza usanga ziburanya idini yacu. Uwo muganda w’amakete ukwiye gusabwa n’inama y’abakurambere igihe gusa biboneka ko ivyo abamamaji bemera mu vy’idini bizoharirwako. Ku bahangana n’ibibazo isi ivyura ku vyerekeye uwosigarana abana canke ukubagendera, amakuru ngirakamaro arashobora kuboneka muri Réveillez–vous! yo ku wa 8 Kigarama 1997, urupapuro rwa 3-12; muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu 1988, urupapuro rwa 2-14; no mu gicapo dusanga muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ndamukiza 1991, urupapuro rw’9.

◼ Amashengero ubu yoshobora gutangura gusaba Watchtower Library yo mu 1999. Iyo disike izoboneka mu Congereza no mu Gifaransa. Amashengero yoshobora gutangura kurungika komande yabo, ariko turabasavye mwibuke yuko ivyo ari ibintu bisabwa mu buryo budasanzwe.

◼ Ibisohokayandikiro Biboneka:

Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?—mu Giswahili

Igituma Umuntu Yokwizigira Bibiliya (Itaragiti No. 13)—mu Gihindi

Index des Publications de la Société Watch Tower 1999—mu Congereza

Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye? (Itaragiti No. 16)—mu Kibengali, mu Gihindi

◼ Amakaseti yo Kwumviriza Mashasha Aboneka:

Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira (Amakaseti atanu ari muri alubumu)—mu Gifaransa

◼ Amakeseti yo Kuraba Mashasha Aboneka:

The Bible—Its Power in Your Life—mu Gishinwa (c’Igikantoni), mu Gishinwa (c’Ikimandarino)

◼ Ibisohokayandikiro Bishasha Vyanditswe mu Nyuguti z’Impumyi Biboneka:

Annuaire des Témoins de Jéhovah 2000 (imbumbe zitatu)—Urwego rwa kabiri mu Congereza

Jehovah—Who Is He? (Yehova Ni Nde?) (Itaragiti No. 23; imbumbe imwe)—Urwego rwa kabiri mu Congereza

Jesus Christ—Who Is He? (Yezu Kirisitu Ni Nde?) (Itaragiti No. 24; imbumbe imwe)—Urwego rwa kabiri mu Congereza

Sikiliza Unabii wa Danieli! (imbumbe zitatu)—Urwego rwa kabiri mu Gifaransa

Sikiliza Unabii wa Danieli! (imbumbe zine)—Urwego rwa mbere mu Gifaransa

Turabasavye igihe musaba ibisohokayandikiro vyo mu Nyuguti z’Impumyi mwandikeko ngo BISHIKIRIJWE: IBIRO BIJEJWE INYUGUTI Z’IMPUMYI. Murashireko izina hamwe na aderese z’umuntu azokoresha ayo mayagwa ari mu Nyuguti z’Impumyi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika