Niwamamaze Inkuru Nziza n’Ukujijuka Gukomeye
1 Mu ntango z’ikinjana ca mbere, Yezu Kirisitu yashinze ibanga abayoboke biwe ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami be no ‘guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa.’ (Mat. 24:14; 28:19, 20) Ivyabona vya Yehova barafatanye uburemere iyo nyigisho, ku buryo mu mpera z’ikinjana ca 20, umuryango wacu w’abavukanyi b’Abakirisu wiyongereye gushika ku bigishwa barenga 5.900.000 mu bihugu 234. Ese ingene bishemeza cane Data wa twese wo mw’ijuru!
2 Ubu naho twaraye twinjiye mu kinjana ca 21. Umwansi wacu aragerageza ku rwenge gutangira igikorwa cacu nyamukuru c’ukwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Arakoresha imikazo iva kuri uru runkwekwe rw’ibintu mu kwihatira gukevya ivyiyumviro vyacu, adutware umwanya, no kugira ngo inguvu zacu zitwarwe n’ibintu hamwe n’imyitwarariko vyinshi bitari ngombwa. Aho kureka ngo iyi si abe ari yo itubwiriza ibihambaye mu buzima, turiyemeza dukoresheje Ijambo ry’Imana yuko ikintu mpetavyose ari ugukora ivyo Yehova agomba. (Rom. 12:2) Ivyo bisigura kugamburuka impanuro dukura mu Vyanditswe yo ‘kuvuga ijambo ry’Imana mu gihe gikwiye no mu kidakwiye no gushitsa igikorwa c’ibango ryacu.’—2 Tim. 4:2, 5.
3 Nutsimbataze Ukujijuka Gushikamye: Abakirisu bakeneye ‘gushikama, batunganye rwose, bamenya neza badakekeranya ivy’Imana igomba vyose.’ (Kol. 4:12) Ijambo “kujijuka” risobanurwa ko ari “ugushwiruka canke ukwemera gukomeye; kuba warajijutse.” Ko turi Abakirisu dutegerezwa kuba twarajijutse ko ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ari iry’ukuri, kandi yuko ubu tugeze kure cane mu gihe c’iherezo. Dutegerezwa kugira ukwemera gukomeye nka kumwe kw’intumwa Paulo, we yavuze yuko inkuru nziza “ar’ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza.”—Rom. 1:16.
4 Diyabule akoresha abantu babi hamwe n’abahūmbūzi na bo nyene ubwabo bazimizwa, kugira ngo boshe abandi bongere babazimize. (2 Tim. 3:13) Kubera ko tuburiwe kuri ivyo hakiri kare, turatera intambwe kugira ngo dukomeze ukujijuka kwacu yuko dufise ukuri. Aho kureka ngo amaganya yo mu buzima azimye umwete wacu, tuguma dushira imbere ivyungura Ubwami. (Mat. 6:33, 34) Ntidushaka no gutakaza ukubona yuko ibihe vyihutirwa, kumbure mu kwiyumvira yuko iherezo ry’ivy’iyi si riri kure cane. Riguma rirushiriza kwegereza kuruta ikindi gihe cose. (1 Pet. 4:7) Naho twokwiyumvira yuko ikwiragizwa ry’inkuru nziza ritagize ico rikora kinini mu bihugu bimwebimwe uravye intahe imaze gushingwa, igikorwa co gutanga imburizi gitegerezwa kubandanya.—Ezk. 33:7-9.
5 Ibibazo nyamukuru muri iyi misi y’iherezo ni ibi: ‘Noba mfatana uburemere ibanga Yezu yadushinze ryo guhindura abantu abigishwa?’ Igihe namamaza inkuru nziza, noba ngaragaza ukujijuka gukomeye yuko Ubwami atari umugani? Noba nariyemeje kugira uruhara runini rushoboka muri ico gikenurwa c’ukurokora ubuzima? Dutahuye ko tugeze kure mu gihe c’iherezo, dutegerezwa kuguma tugavye ubwacu ku gikorwa-banga twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. Tubigize gutyo tuzokwikizanya n’abatwumva. (1 Tim. 4:16) Ni mu buryo ki twese hamwe dushobora gukomeza ukujijuka kwacu kwo kuba abakenuzi?
6 Niwigane Abanyatesalonike: Intumwa Paulo mu kwibutsa igikorwa gikomeye abavukanyi b’i Tesalonike bakoze, yababwiye ati: “Ubutumwa bgacu [ntibw]ābashitseko ar’amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi n’[im]pwemu [y]era, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu. Namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu, mumaze kwakīrira ijambo ry’Imana mu marushwa menshi, munezerejwe n’[im]pwemu [y]era.” (1 Tes. 1:5, 6, ni twe tubihiritse.) Egome, Paulo yarashimiye iryo shengero ry’i Tesalonike kubera naho bari mu marushwa menshi, baramamaza inkuru nziza n’umwete be n’ukujijuka gukomeye. None ni igiki cabashoboza gukora ivyo? Umwete hamwe n’ukujijuka babonanye intumwa Paulo hamwe n’abo bakorana, vyaragize akosho keza kuri bo bimwe bihambaye. Mu buryo ki?
7 Ubuzima Paulo yagize kumwe n’abo bakorana bwarerekanye yuko bari bafise impwemu y’Imana, kandi ko bemera n’umutima wabo wose ivyo bariko barigisha. Imbere yuko baza i Tesalonike, Paulo na Sila barafashwe nabi i Filipi. Barakubiswe, baratabwa mw’ibohero, eka barafungirwa mu mpatane z’ibiti, batanabasambishije. Mugabo, ico kigeragezo kibabaje nticabatse umwete bari bafitiye inkuru nziza. Imana yarabagarukiye bararekurwa, bituma umurinzi w’ibohero ahindukirira Imana hamwe n’urugo rwiwe, hanyuma bicira inzira abo bavukanyi yo kubandanya mu gikenurwa cabo.—Ivyak. 16:19-34.
8 Babikesheje inkomezi ziva kuri mpwemu y’Imana, Paulo yarashitse i Tesalonike. Ngaho yarakoze aratama kugira ngo yironse ivya nkenerwa, hanyuma maze aritanga bimwe bishitse mu kwigisha ukuri Abanyatesalonike. Ntiyigeze atezura kumenyesha inkuru nziza uko akaryo kose kabonetse. (1 Tes. 2:9) Ukuntu Paulo yamamaje inkuru nziza afise ukujijuka gukomeye vyaragize akosho gakomeye cane ku bantu baho, ku buryo bamwebamwe muri bo bahevye ugusenga ibigirwamana hanyuma bacika abasavyi b’Imana y’ukuri, Yehova.—1 Tes. 1:8-10.
9 Uruhamo ntirwabujije abizeye vuba kwamamaza inkuru nziza. Babitumwe n’ukwizera kwabo baronse vuba hamwe n’ukujijuka bimwe bishitse yuko batobuze kuronka imigisha y’ibihe bidahera, abo Banyatesalonike baragoberewe kumenyekanisha ukuri bari barakiranye igishika. Iryo shengero ryari rishirutse ubute gushika n’aho bituma inkuru zerekeye ukwizera kwabo be n’umwete wabo bikwiragira mu yindi mihingo y’i Makedoniya no muri Akaya. Kubera ico, igihe Paulo yandikira ikete ryiwe rya mbere Abanyatesalonike, ibikorwa vyabo vyiza vyari bimaze kumenyekana neza. (1 Tes.1:7) Mbega akarorero keza kibonekeje!
10 Bavyuriwe Ingiro n’Urukundo Bakunda Imana n’Abantu: Nka kumwe kw’Abanyatesalonike, dushobora gute kugumana ukujijuka gukomeye igihe twamamaza inkuru nziza muri iki gihe? Paulo yanditse ku biberekeye ati: “Twibuka ubudasiba ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo.” (1 Tes. 1:3, ni twe tubihiritse.) Biragaragara yuko bari bafitiye Yehova hamwe n’abo bigisha urukundo rugera kure kandi ruvuye ku mutima. Ni na rwo rukundo nyene rwavyurira ingiro Paulo hamwe n’abo bakorana, kugira ngo bahe Abanyatesalonike “[atari] ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubga[bo] bugingo na bgo.”—1 Tes. 2:8.
11 Urukundo rwacu rugera kure dufitiye Yehova hamwe n’abantu bagenzi bacu ruratuvyurira ingiro yo kwumva dushaka kugira uruhara rushitse mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza Imana yaduhaye gukora. Dufise mwene urwo rukundo, turamenya yuko ibanga Imana yadushinze ryo gukwiragiza inkuru nziza ari twe riraba. Tuzirikanye mu buryo bwizigiza kandi burimwo ugukenguruka ibintu vyose Yehova yadukoreye mu kutuyobora ku “bugingo nyakuri,” turavyurirwa ingiro yo kubwira abandi ukwo kuri nyene kw’igitangaza twemera n’umutima wacu wose.—1 Tim. 6:19.
12 Uko tuguma turi na vyinshi dukora mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, urukundo dufitiye Yehova hamwe n’abantu rutegerezwa kubandanya rukura. Rubandanije rukura, tuzovyurirwa umutima wo kwongerereza uruhara tugira mu gikenurwa c’inzu ku nzu hamwe no gukurikiza ubundi buryo bwose bwo gushinga intahe budushobokeye. Tuzokwungukira ku turyo twose tubonetse kugira ngo dushinge intahe akaryo kizanye, ku bo mu muryango, ku babanyi, no ku bo tuzinanyi. Naho abantu benshi boshobora gutera akagere inkuru nziza tubashikiriza mbere bamwebamwe kumbure bakazokwihatira kutubuza kumenyekanisha Ubwami, turiyumvamwo umunezero nyakuri. Kubera iki? Kubera tuzoba tuzi yuko twakoze uko dushoboye kugira ngo dushinge intahe yerekeye Ubwami kandi dufashe abantu kuronka ubukiriro. Kandi Yehova azohezagira utwigoro twacu two kuronka abantu b’imitima igororotse. No mu gihe imikazo yo mu buzima yoturundanako kandi Shetani na we akarondera kutunyaga umunezero wacu, turashobora kugumana ukujijuka kwacu gukomeye be n’umwete dufise mu gushingira intahe abandi. Mu gihe twese hamwe turanguye uruhara rwacu, bituma amashengero akomera kandi akagira umwete nka rimwe ry’i Tesalonike.
13 Ntukigere Urambirwa mu Gihe c’Ibigeragezo: Ukujijuka kandi kurakenewe igihe duhura n’ibigeragezo bitandukanye. (1 Pet. 1:6, 7) Yezu yaratomoreye neza abigishwa biwe yuko bamukurikiye “[bo]kwan[swe] n’amahanga yose.” (Mat. 24:9) Paulo na Sila ivyo baravyiboneye igihe bari i Filipi. Inkuru iri mu Vyakozwe n’Intumwa ikigabane ca 16 ivuga yuko Paulo na Sila batawe mw’ibohero mu nzu yo hagati, hanyuma baboherwa mu mpatane z’ibiti. Mu bisanzwe, ibohero rikuru cari nk’ikibuga kizitiwe, ku rukikirwa rwaco hakaba hari hubatswe utwumbatwumba ducamwo umuco n’akayaga. Mugabo ku nzu yo hagati, nta na kimwe bari baragize ngo haboneke umuco, kandi hinjirayo akayaga gake cane. Paulo na Sila bategerezwa kuguma mu mwiza, mu bushuhe no mu munuko w’aho hantu h’ibohero. Woshobora kwiyumvira umubabaro bategerezwa kuba barumvise mu gihe bari bapfungiwe mu mpatane z’ibiti kumara amasaha n’amasaha, imigongo yabo imyoka n’amaraso akava bitewe no gukubitwa?
14 Naho bahuye n’ivyo bigeragezo, Paulo na Sila bagumye arabizerwa. Baragaragaje ukujijuka kuvuye ku mutima, kurabakomeza kugira ngo bakorere Yehova bataravye ico kigeragezo. Ukujijuka kwabo kurerekanwa ku murongo wa 25 w’ikigabane ca 16, ahavuga ngo Paulo na Sila “barasenga bongera baririmbira Imana.” Kukaba nk’ako, naho bari babohewe mu nzu yo hagati, bari bazi neza yuko bemerwa n’Imana ku buryo baririmba cane gushika aho izindi mbohe zibumva! Dutegerezwa kugira ukujijuka nk’ukwo nyene muri iki gihe iyo duhanganye n’ibigerageza ukwizera kwacu.
15 Ibigeragezo Diyabule iduteza ntibiharurwa. Bamwe bashobora guhamwa n’umuryango. Abavukanyi bacu benshi barahangana n’ingorane zijanye n’ivy’amategeko. Turashobora guhura n’ukurwanywa guturutse ku bahakanyi. Hariho ingorane z’ivyubutunzi hamwe n’amaganya y’ukuntu tworonka ibitubeshaho. Abakiri bato barahangana n’imikazo y’abo bigana. Dushobora gute guhangana n’ivyo bigeragezo tukaroranirwa? Ni igiki gikenewe kugira ngo tugaragaze ukujijuka?
16 Ica mbere na mbere, dukeneye kugumana ubucuti bwa hafi na Yehova. Igihe Paulo na Sila bari babohewe mu nzu yo hagati, ntibakoresheje uwo mwanya mu kwidodombera amarushwa yabashikiye canke mu kwicuza. Ubwo nyene baciye bahindukirira Imana mw’isengesho bongera bayishemeza mu kuririmba. Kubera iki? Kubera bari bafitaniye ubucuti bwa hafi na Se wabo wo mw’ijuru. Baratahuye yuko bariko bababazwa kubera ukugororoka, kandi yuko ubukiriro bwabo bwari mu minwe ya Yehova.—Zab. 3:8.
17 Igihe duhanganye n’ibigeragezo muri iki gihe, na twebwe dutegerezwa guhanga amaso Yehova. Paulo araturemesha twebwe Abakirisu ‘kumenyesha Imana ivyo tugomba vyose; maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese azoshibamire imitima yacu n’ivyiyumviro vyacu.’ (Flp. 4:6, 7) Ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kumenya yuko Yehova atazotureka ngo tuje mu bigeragezo tutagira gitabara! (Yes. 41:10) Nantaryo yama ari kumwe natwe mu gihe tumukorera n’ukujijuka nyakuri.—Zab. 46:7.
18 Iyindi mfashanyo ihambaye mu vyo kugaragaza ukujijuka ni mu kuguma turi na vyinshi dukora mu murimo wa Yehova. (1 Kor. 15:58) Paulo na Sila batawe mw’ibohero kubera bari na vyinshi bakora mu kwamamaza inkuru nziza. Boba bararetse kwamamaza inkuru nziza kubera ibigeragezo barimwo? Habe namba, barabandanije kwamamaza inkuru nziza n’igihe bari mw’ibohero, kandi aho bamariye kurekurwa baragiye i Tesalonike hanyuma baja mw’isinagogi y’Abayuda kugira ngo ‘bazirikane hamwe na bo ku Vyanditswe.’ (Ivyak. 17:1-3) Mu gihe dufise ugushwiruka gukomeye canke ukwemera gukomeye kuri Yehova kandi tukaba twarajijutse yuko dufise ukuri, nta na kimwe “kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.”—Rom. 8:35-39.
19 Uturorero tw’Abafise Ukujijuka Gukomeye Muri Iki Gihe ca None: Hariho uturorero twinshi duhambaye tw’abafise mwene ukwo kujijuka muri iki gihe turimwo, nka kumwe kwa Paulo na Sila barerekanye ukujijuka gukomeye. Umuvukanyikazi umwe yarokotse mw’ikambi y’itunatuniro y’i Auschwitz avuga ivy’ ukwizera be n’ukujijuka kutanyiganyiga kwerekanywe n’abavukanyi hamwe n’abavukanyikazi bari aho. Yigana uku: “Igihe kimwe bariko baradusambisha, hari intwazangabo imwe yaje iyo mperereye yapfunze ingumu.Yaciye avuga ati: ‘Mbega mwebwe tuzobagira gute? Tubafashe, ntaco bibabwira. Tubarungitse mw’ibohero, nta na kimwe bibabwira namba. Tubarungitse mw’ikambi y’itunatuniro, nta mutima muhagarika. Tubaciriye urubanza rwo gupfa na ho, mwihagararira ngaho gusa ataco mwinona. None tubagire nte?’ ” Mbega ukuntu bikomeza ukwizera kubona ukwizera abavukanyi bacu bari bafise muri ivyo bihe bibi nk’ivyo! Bagumye bahanze amaso Yehova kugira ngo abafashe kwihangana.
20 Ngirango turibuka ukujijuka kw’abavukanyi bacu benshi igihe bahangana n’inzankano z’amoko zigaragaje muri iyi myaka iheruka. Naho basanze bari mu ngeramizi zikomeye, abavukanyi bahagarikiye abandi baritwararika kuraba ko abavukanyi hamwe n’abavukanyikazi babo bagaburirwa mu vy’Impwemu. Bose barabandanya badahemuka, bari n’ukujijuka gukomeye yuko ‘ata co kurwanisha bācuriye kubarwanya kizogira ico kimara.’—Yes. 54:17.
21 Benshi mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bubakanye n’abatizera na bo nyene baragaragaza ukwizera hamwe n’ukwihangana gukomeye. Umuvukanyi umwe wo muri Gwadelupe yarahuye n’ukurwanywa gukaze kuvuye ku mugore wiwe atizera. Kugira ngo amuvune intege yongere amubuze kwitaba amakoraniro ya gikirisu, ntiyamutegurira imfungurwa ziwe canke ngo amumesurire, agorore impuzu ziwe canke ngo azibarire aho zitabutse. Haraciye igihe kirekire uwo mugore atamuvugisha. Ariko uwo mugabo yaragaragaje ukujijuka kuvuye ku mutima mu gukorera Yehova yongera amuhindukirira mw’isengesho kugira ngo amufashe, gutyo uwo muvukanyi abona gushobora kwihanganira ivyo vyose. Ivyo vyamaze igihe kingana iki? Hafi imyaka 20 inyuma yaho umugore wiwe yagiye ahindura umutima bukebuke. Amaherezo, yarashoboye kunezerwa vy’ukuri kubera yemeye icizigiro c’Ubwami bw’Imana.
22 Mu kurangiza, dutegerezwa kutibagira ukujijuka gukomeye kw’abavukanyi hamwe n’abavukanyikazi bacu bakiri bato batonda kw’ishure imisi yose kandi bakigumanya mu mikazo y’abo bigana, hamwe no mu zindi ngorane. Icabona umwe w’umwigeme akiri muto yavuze ivyerekeye imikazo yahura nayo kw’ishure kugira ngo amere nk’abandi, ati: “Igihe uri kw’ishure, nantaryo umuntu wese aguma akuremesha kugarariza gatoyi. Abana bararushiriza kukwubaha ukoze ikintu cegereza ingendo y’ubugarariji.” Mbega imikazo urwaruka rwacu ruhangana na yo! Bamwe basa n’abasambuye ubucuti bafitaniye na Yehova kubera baretse imikazo ikabagondoza. Niwiyemeze mu muzirikanyi no mu mutima wawe kunanira inyosha mbi.
23 Benshi mu rwaruka rwacu baragira neza mu kuguma batadohoka naho baba bari mu bigeragezo. Akarorero kamwe ni ak’umuvukanyikazi umwe akiri muto aba mu Bufaransa. Umusi umwe bahejeje gufungura ku murango, hari abahungu bamwe bagerageje kumuhata ngo abasome, ariko yaciye asenga hanyuma aranana bimwe bikomeye, ku buryo abo bahungu bamutaye baragenda. Mu nyuma, umwe muri bo yaragarutse amubwira yuko yikuguye uburindutsi bwiwe. Uwo muvukanyikazi yarashoboye kumushingira intahe neza ku vyerekeye Ubwami, aramusigurira ingingo ngenderwako ziri hejuru Yehova ashingira abashaka bose kuronka ku migisha yiwe. Muri uwo mwaka w’ishure, yarongeye gusigurira ishure ryose ivyizigiro vyiwe.
24 Ese ingene ari agateka k’agaciro kuba duharurwa mu bo Yehova anezererwa gukoresha, kugira ngo bavuge ivyo agomba bafise ukijijuka gukomeye! (Kol. 4:12) Vyongeye, turafise akaryo keza cane ko kugaragaza ukutadohoka kwacu igihe dutewe n’Umwansi wacu ameze nk’intambwe, ari we Shetani ya Diyabule. (1 Pet. 5:8, 9) Ntiwigere wibagira yuko Yehova ariko arakoresha ubutumwa b’Ubwami kugira ngo azanire ubukiriro twebwe ababwamamaza hamwe n’ababwumviriza. Ese ingingo dufata hamwe n’uburyo bwacu bwo kubaho bwa misi yose vyogaragaza yuko dushira ivyungura Ubwami imbere. Nimuze tubandanye kwamamaza inkuru nziza n’ukujijuka gukomeye!