ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/00 rup. 1
  • Kwamamaza Izina rya Yehova mw’Isi Yose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwamamaza Izina rya Yehova mw’Isi Yose
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Uburyo twamamaza—Turakoresha uburyo bwose ngo inkuru nziza ishikire abantu
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ubusuku bw’inzu ku nzu, ni kubera iki buhambaye muri iki gihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nugume ubona igikorwa co kwamamaza mu buryo bwiza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 1/00 rup. 1

Kwamamaza Izina rya Yehova mw’Isi Yose

1 Igihe Yezu yashinga ibanga intumwa ziwe ryo kuba ivyabona “gushitsa ku mpera y’isi,” yari amaze kubaha akarorero bokurikiza. (Ivyak. 1:8) Igihe cose n’ahantu hose yasanga abantu, yaravuga ivyerekeye umugambi Imana ifitiye abantu. Mu kwigana Yezu, wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa uriko urakoresha uburyo bwinshi butandukanye kugira izina rya Yehova “[r]yamamare mw’isi yose.”—Yes. 12:4, 5.

2 Ivyagizwe mu Misi ya Kera: Mu myaka yahera, insiguro zarasohowe mu binyamakuru; “Idaramu y’Amafoto y’ivy’Irema” yarahinguwe hanyuma irerekwa abantu amamiliyoni; harakoreshejwe imiduga igenda irasamiriza amajwi; harakoreshejwe cane icuma ndekuramajwi, hanyuma haraca igihe kinaka hakoreshwa iradiyo—ivyo vyose bikoreshwa ku bw’ukwamamaza inkuru nziza. Naho ari uko, nantaryo hagiye hashimikwa ku kwibonanira n’abantu kugira ngo ugushimishwa kubonetse gushobore gutsimbatazwa. Kubw’ico, igikenurwa c’inzu ku nzu caragaragaye ko ari uburyo kirumara cane mu kwamamaza izina rya Yehova ahantu hose.—Ivyak. 5:42.

3 Ibiriko Biragirwa Muri Iki Gihe Turimwo: Kubera ibihe bigenda bihindagurika isi igenda ivurungana kandi mu mihingo myinshi ni gake abantu baboneka i muhira. Bakeyi ni bo usanga bamara umwanya bariko barasoma bongera bazirikana ku bintu vy’impwemu. Dutegerezwa rero kuza turahuza igikenurwa cacu n’uko ibintu vyifashe. Turetse ukubandanya duhetura akarere tuva ku nzu tuja ku yindi, twararemeshejwe kuja aho abantu bari kandi tugahora “nantaryo twiteguriye” kuburanira ivyizigiro biri muri twebwe. (1 Pet. 3:15, NW) Ivyo bisigura kwihatira kwamamaza inkuru nziza ku bo dukorana ku kazi, ku bo twigana, ku bantu bari ku kayira, be no mu busitani canke aho bahagarika imiduga, tuva ku mangazini tuja ku yindi, hamwe n’ahandi hantu aho ari ho hose abantu bashobora gusangwa. Dufashijwe na Yehova, utwigoro twacu tuzotunganirwa. Woba uriko ugira uruhara mu gushikira abantu aho bari hose?

4 Umwe wese ukwiwe agerageze mu buryo bwose bushoboka mu vy’ukwamamaza izina rya Yehova mu karere twakebewe. Turashobora gusanga dushize akanyota rwose mu kurangura igikenurwa cacu bimwe vyuzuye, mu gihe duhanga amaso Yehova kugira ngo akwegēre abantu b’imitima igororotse.—Yoh. 6:44.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika