Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Gitugutu: Nimusabe abantu kwandikisha abonema y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Aho abantu badakunda kwandikisha abonema, nimuze murabasaba kwakira ivyo binyamakuru. Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Ibisohokayandikiro bishikirizwa ku kiguzi kidasanzwe na vyo nyene birashobora gushikirizwa abashimishijwe be n’abiga Bibiliya bamaze kuronka igitabu Ubumenyi n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Kigarama: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira kumwe na Traduction du monde nouveau. Nzero: Igitabu ico ari co cose c’impapuro 192 casohotse imbere yo 1986 Ishengero rishobora kuba rifise mu bubiko. Amashengero adafise mu bubiko mwene ivyo bitabu arashobora gushikiriza ibindi bisohokayandikiro ivyo ari vyo vyose biboneka mw’ishengero. Mwene ivyo bisohokayandikiro birashobora gusabwa kw’Ishirahamwe niba ata na kimwe kiri mw’ishengero.
◼ Inyongera yo muri iki Gikorwa Dukorera Ubwami ni “Urutonde rw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi mu 2000” kandi umuntu akwiye kuruzigama kugira azoze ararwikorako mu 2000.
◼ Nimba ku wa 1 Nzero ibihe vy’amakoraniro bizohinduka mw’ishengero iwanyu, vyoba bikenewe ko mugira iyindi komande y’udukaratasi tw’ubutumire kugira mwerekane ivyo bihe vy’amakoraniro vyahindutse.
◼ Udukaratasi tw’ubutumire bw’icibutso co mu 2000 mu rurimi rukoreshwa n’ishengero tuzorungikanwa n’amafomu arungikwa ku mwaka ku mwaka canke turungikwe mu nyuma. Nimba hari izindi ndimi zivugwa mu karere iwanyu, mukaba mwipfuza kuzironkamwo udukaratasi tw’ubutumire, ivyo bikwiye guca bisabwa mu maguru masha kuri ya Fomu yo Gusabirako Ibisohokayandikiro (S-14). Udukaratasi tw’ubutumire bwo ku Cibutso turaboneka mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa, mu Gihindi, mu Gipunjabi, mu Gishinwa, mu Gishinwa (Coroheje), mu Giswahili, mu Kiganda, mu Kigujarati, mu Kinyarwanda, no mu Kirundi. Turabasavye mugire komande y’udukaratasi two mu ndimi zikenewe mu karere iwanyu.
◼ Amashengero akwiye gutangura gusaba twa dutabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi—2000 mu gihe co gusaba ibisohokayandikiro muri Gitugutu. Utwo dutabu tuzoboneka muri izi ndimi: Amuharike, Icarabu, Icongereza, Igifaransa, Igihindi, Igishinwa, Igishinwa (Coroheje), Igipunjabi, Igiswahili, Ikiganda, Ikigujarati, Ikinyarwanda, n’Ikirundi. Udutabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi ni udutabu dusabwa mu buryo budasanzwe.
◼ Ivyibukijwe vy’Ingirakamaro: Mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruheshi 1999 twararemeshejwe gukoresha neza amakaseti yo kuraba, hamwe n’amadaramu yo kwumviriza, aho bishoboka. Amadaramu n’amakaseti yo kuraba bikurikira biraboneka, kandi umuntu arashobora kubisaba.
◼ Amakaseti yo Kwumviriza Aboneka:
Celui qui garde en vie les affamés—Mu Congereza
Faisons ce qui est droit aux yeux de Jéhovah—Mu Congereza
Faisons la volonté de Dieu avec zèle—Mu Congereza
Guma Uremuruye Ijisho Ryawe—Mu Congereza
Igituma Wokwubaha Intondeko za Gitewokarasi—Mu Congereza
Jéhovah délivre ceux qui invoquent son nom—Mu Congereza no mu Giswahili
Jéhovah exécute son jugement contre ceux qui bravent sa loi—Mu Congereza
Kumsikiliza Mwalimu Mkuu—Mu Congereza no mu Giswahiri
Le nom de Jéhovah doit être proclamé par toute la terre—Mu Congereza
Ni Ibiki Imana Idusaba?—Mu Congereza
Yemwe Miryango—Ugusoma Bibiliya Imisi Yose Nimukugire Inzira Yanyu y’Ubuzima—Mu Congereza
Yule Mtu Mkuu Zaidi Aliyepata Kuishi—Mu Congereza
◼ Amakaseti yo Kuraba Aboneka:
La Bible: de l’histoire vraie, des prophéties fiables—Mu Congereza
La Bible: le livre le plus ancien toujours d’actualité—Mu Congereza
La Société du monde nouveau en action—Mu Congereza
Les Témoins de Jéhovah: Un nom, une organisation—Mu Congereza
Noah—He Walked With God—Mu Congereza
The Bible—Its Power in Your Life—Mu Congereza
Unis par l’enseignement divin—Mu Congereza
◼ Amakaseti yo Kuraba Aboneka mu Mvugo y’Ibimenyetso:
La Bible: de l’histoire vraie, des prophéties fiables—Mu Congereza
Les Témoins de Jéhovah: Un nom, une organisation—Mu Congereza
Siri ya Kupata Furaha ya Familia—Mu Congereza
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira—Mu Congereza
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi—Mu Congereza
Voici, je fais toutes choses nouvelles—Mu Congereza