Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Myandagaro: Agatabu kose k’impapuro 32 muri utu dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, hamwe na Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? Udutabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre?, hamwe na Un livre pour tous turashobora gutangwa aho bibereye. Nyakanga: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, kandi ibisohokayandikiro bitangwa ku kiguzi kidasanzwe mufise mw’ishengero birashobora gushikirizwa. Gitugutu: Nimusabe abantu kwandikisha abonema y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Aho abantu badakunda kwandikisha abonema, nimuze murabasaba kwakira ivyo binyamakuru. Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Ibisohokayandikiro bishikirizwa ku kiguzi kidasanzwe na vyo nyene birashobora gushikirizwa abashimishijwe be n’abiga Bibiliya bamaze kuronka igitabu Ubumenyi n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?
◼ Guhera ku wa 27 gushika ku wa 31 Myandagaro 1999, Ishirahamwe rizoba ririko riraharura ibisohokayandikiro vyose biri kuri Beteli. Kubera ukwo guharura, nta bisohokayandikiro ishengero ryoba ryarasavye bizorungikwa canke ngo vyakirwe muri iyo misi.
◼ Mu bibano vyose, mu biringo binyuranye vyo mu mwaka hariho imisi y’amakonji usanga abanyeshure bataja kw’ishure abakozi na bo bagahabwa akaruhuko. Utwo ni uturyo ntangere ishengero riba rironse two kurushiriza kugira uruhara mu gikenurwa co mu ndimiro. Abakurambere bakwiye gutegekanya ibintu imbere y’igihe ku bw’ivyo biringo bakongera bakamenyesha ishengero hakiri kare cane ivyatunganijwe kugira ngo habe ugushinga intahe mu migwi mu biringo vy’iyo misi y’ikonji.
◼ Amashengero yose akwiye gutangura gusaba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2000 (Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova co mu 2000) mu gihe co gusaba ibisohokayandikiro muri Nyakanga. Ivyo birangamisi bizoboneka mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa no mu Gishinwa.