Ivyibukijwe vy’Ingirakamaro
“Mu bihugu nka bingahe twumva bavuga ko hari ‘udushirahamwe’ canke utugwi tw’abantu basoronganya amahera kugira barangure imigambi inyuranye. Mu bisanzwe, baguma bakurakuranya amakoraniro canke imisi mikuru bagirira mu ngo zinyuranye, aho bose ico gihe bafasha umuryango umwe wo muri uwo mugwi mu kuwuha ‘ingurane’ kugira ngo wikenure ku kintu gihambaye kidatwara make. Ni ingingo ngenderwako zimwezimwe izihe zo muri Bibiliya tworimbura kugira ngo turabe impagararo Umukirisu yogira muri ivyo? Zimwezimwe muri izo zoba ari Abanyefeso 5:3, 5 havuga ivy’umwina, mu Baroma 13:8 no mu Migani 22:7 havuga ivy’ukugurana, muri 1 Ab’i Korinto 15:33 no muri 2 Ab’i Korinto 6:14, 15 havuga ivy’ukugiranira imigenderanire n’abandi be n’ivy’ukugiriranira amasezerano, be no mu Banyefeso 5:18 no muri 1 Petero 4:3 havuga ivy’ukunywa turi kumwe n’abatizera n’uguteramana na bo. Ivyo bikwiye kuba bihagije kandi bigatuma dushobora gushika ku ciyumviro kibereye.”
Imyaka itanu irarangiye kuva twibukijwe ivyo bintu. Kuva ico gihe hari benshi bakiriye ukuri. Kubera ibihe bigoye mu vy’ubutunzi mw’isi yo muri iki gihe, benshi bazoshima ibi twibukijwe. Igihe umwe mu bagize ishengero ashikiwe n’ubukene, abavukanyi barashobora gusahiriza umwumwe ukwiwe. Mu bihe bimwebimwe, abakurambere bo mw’ishengero barashobora kwungunganya ivyo gusahiriza.