Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Abavyeyi bakwiye kwiyubara mu biki igihe abana babo bakiri bato bagize uruhara mu murimo wo mu ndimiro?
Abavyeyi b’Abakirisu barajana mu buryo bubereye abana babo mu gikenurwa co mu ndimiro, bakabamenyereza kubwira abandi inkuru nziza y’ivy’Ubwami. Mu kugira gutyo, biba bikenewe ko bamiza ijisho ku bana babo bakiri bato kubera yuko hari ingeramizi zishobora kwaduka mu karere, eka mbere n’ahantu vyitwa ko hatekanye kuruta ahandi. Abana barakunda kugirirwa ubukazi no guturubikwa kubera ko hari iyongerekana ry’umunoho be n’ubuhumbu muri ibi “bihe bigoye” turimwo. (2 Tim. 3:1-5) Abavyeyi bakwiye kwitwararika ibintu imbere y’igihe mu buryo butegereka kugira ngo bakingire ibibondo vyabo abohava babigirira nabi. None umuntu yogira iki?
N’ubukerebutsi n’akantu Bibiliya iraduhanura kwiyubara no kuraba kure kugira ngo tubone ingeramizi imbere yuko ishika. (Imig. 22:3; Mat. 10:16) Ico twipfuza ngaha si ugushinga amategeko, ariko vyoba biranga ubukerebutsi umuvyeyi canke uwundi muntu akuze aherekeje umwana igihe agiye mu murimo wo mu ndimiro. Iyo abamamaji babishoboye babiri bakiri bato bariko barakorana, biraba vyiza ko umuvyeyi canke uwundi muntu akuze abamizako ijisho. Birumvikana, uko umwana akura maze akaboneka ko arushiriza kuba uwushoboye kwihitiramwo iciza n’ikibi, abavyeyi barashobora gufata ingingo niba uwo mwana wabo w’umuhungu canke w’umukobwa adakeneye ko abavyeyi bamucungera cane.—Raba kandi Inyishu ku Bibazo Vyanyu mu Gikorwa Dukorera Ubwami (mu Congereza) co muri Gitugutu 1992.
Vyoba kandi biranga ubukerebutsi kwama tuzirikana ivy’ukwirinda impanuka igihe dufashe urugendo mu muduga canke iyo turiko turatembera. Kwitwararika ibintu imbere y’igihe kenshi bituma umuntu yirinda impanuka hamwe n’umubabaro mwinshi w’agacamutima, ugusohora amahera y’ukwivuza, tutibagiye n’ugushobora gukurikiranwa n’amategeko muri iyi si aho ivy’ugushengeza abantu muri za sentare biguma vyongerekana.
Ni vyiza ko abakiri bato “bashemeza izina rya Yehova.” (Zab. 148:12, 13, NW) Amajambo aryoshe bavuga hamwe n’ukuntu bigenza neza igihe bari mu gikenurwa co mu ndimiro usanga bishika cane ku mutima abandi kandi bigatera iteka Yehova. Uko ari ko kwose bavyeyi, nimufashe abana banyu kugira uruhara badahengeshanya mu kwamamaza inkuru nziza, mwongera kandi muguma mugavye kugira mubakingire ingeramizi zose zohava ziba!