ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/99 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 4/99 rup. 7

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ndamukiza na Rusama: Kwandikisha abonema y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Ahadakunda kuboneka abandikisha abonema, murashikiriza ivyo binyamakuru vyompi ku ntererano bisanzwe bitangirwa. Nimushikirize kandi agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? abantu bashimishwa, mwongere mwihate gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ruheshi: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Mukakaro na Myandagaro: Agatabu k’impapuro 32 ako ari ko kose muri utu dukurikira koshobora gukoreshwa: Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare! Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Bitugendera Gute Iyo Dupfuye? Quel est le but de la vie? Comment le découvrir?, hamwe na Iyo Uwo Wakunda Apfuye. Udutabu Un livre pour tous, Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri? hamwe na Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre? turashobora gutangwa aho bibereye.

◼ Igihe abamamaji bariko barakorera mu karere ata muntu aragakeberwa, barashobora gushikiriza abantu igitabu Ubumenyi canke ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Ikindi gisohokayandikiro cose kirashobora gushikirizwa niba uwo dusanze ku muhana asanzwe afise ivyo bisohokayandikiro bibiri. Bose bakwiye kwitwaza amataragiti atandukanye yo gusiga ku bw’abatahari canke yo guha abantu bataronse icandikano. Hakwiye kugirwa utwigoro two gukurikirana ugushimishwa, canecane ahantu uturere ata wuradukeberwa dushobora gukorerwamwo n’abatsimvyi b’imenamushike canke amashengero yo mu micungararo yaho akaba ashobora kudushikamwo. Mu bihe bimwebimwe, ukwo gushimishwa kw’abantu kurashobora gukurikiranwa mu kubandikira amakete.

◼ Udukarata two kwambara tw’iteraniro ry’intara two mu 1999 mu Congereza, mu Gifaransa, mu Giswahiri, mu Kiganda, mu Kinyarwanda no mu Kirundi tuzorungikanwa n’ibinyamakuru bisanzwe birungikwa. Ntibizoba bikenewe ko murinda kudusaba. Utwo dukarata tuzorungikwa ari udutu turimwo 25 hakurikijwe uko ishengero ryose ringana. Niba ishengero rikeneye utundi dukarata, rizodusaba kuri ya Fomu yo Gusaba Ibisohokayandikiro (S-14). Twa tumwanya tujamwo utwo dukarata turashobora gusabirwa umuntu wo mw’ishengero wese atwipfuza.

◼ Birakenewe ko Ishirahamwe riguma rifise aderese za vuba be n’inomero za terefone vy’abacungezi bahagarikizi be n’abanyamabanga bose. Igihe cose hari igihindutse, umunyamabanga akwiye kwuzuza mu maguru masha akongera akarungikira Ishirahamwe ya fomu y’Ihinduka rya Aderese y’Umucungezi Muhagarikizi canke y’Umunyamabanga (S-29).

◼ Abanyamabanga b’Amashengero bakwiye kuguma bafise amafomu yerekeye abatsimvyi akwiye. Na yo ni aya: Ugusaba Umurimo w’Ubutsimvyi bw’Intahorereza (S-205), Ugusaba Umurimo w’Ubutsimvyi bwo Gufasha (S-205b), be n’ifomu y’Ukumenyesha Ihagarikwa ry’Umurimo w’Ubutsimvyi (S-206). Ayo ashobora gusabirwa kuri ya Fomu yo Gusaba Ibisohokayandikiro (S-14). Nimugume mufise n’imiburiburi izikwiye umwaka. Muraza muratohoza neza ya fomu yo gusabirako ubutsimvyi bw’intahorereza, kugira ngo murabe neza ko yujujwe neza. Mu gihe abasaba ubutsimvyi badashoboye kwibuka neza itariki babatirijweko, barakwiye kugereranya iyo itariki, akaba ari yo bagumiza ku muzirikanyi.

◼ Ni ngirakamaro ko igihe hari umugwi w’abantu 20 canke barenga bategekanya kuja kuratira ijisho ibiro vy’ishami babanza kwandikira Ishirahamwe. Tubasavye kumenyesha igitigiri c’abazoza, amagenekerezo be n’ibihe bazogendererako ibiro. Ibiro vy’ishami biri kw’Ibarabara ryitwa Elgeyo Marakwet, ahitwa Kilimani, i Nairobi.

◼ Ibisohokayandikiro bishasha biboneka:

Un livre pour tous—mu Kigujarati, mu Gihindi

Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?—mu Gishinwa, mu Gishinwa (Corohejwe), mu Congereza, mu Gifaransa, mu Giswahiri

Jehovah—Who Is He? (Yehova Ni Nde?) (Itaragiti No. 23)—mu Congereza mu Giswahiri mu Kizande

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya (Imero ntoyi)—mu Gitigirinya

Publications de la Société Watch Tower Index 1998—mu Congereza

Publications de la Société Watch Tower Index 1996—mu Gifaransa

Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?—mu Carabu, mu Congereza, mu Gifaransa, mu Gihamuharike, mu Gikamba, mu Gikuyu, mu Gishinwa, mu Gishinwa (Corohejwe), mu Giswahiri, mu Kinyarwanda, mu Kizande, mu rurimi rwitwa Urdu

◼ Guhera ku nomero yo ku wa 15 Nzero 1999, Umunara w’Inderetsi uraboneka kabiri mu kwezi mu rurimi rwitwa Urdu.

◼ Guhera ku nomero yo ku wa 1 Ndamukiza 1999, Umunara w’Inderetsi uzoboneka kabiri mu kwezi mu rurimi rwita Punjabi.

◼ Ibisohokayandikiro bishasha biboneka mu nyuguti z’impumyi:

Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? (imbumbe zibiri)—Mu Congereza co mu rwego rwa kabiri

Bitugendera Gute Iyo Dupfuye? (imbumbe imwe)—mu Congereza co mu rwego rwa kabiri; mu Gifaransa co mu rwego rwa mbere n’ico mu rwego rwa kabiri

Turabasavye ko ku mafomu yo gusaba ibisohokayandikiro vyo mu nyuguti z’impumyi mwandikako muti ATTENTION: BRAILLE DESK (KU BIRO BIJEJWE IVY’INYUGUTI Z’IMPUMYI). Nimushireko izina na aderese vy’uwo muntu azokoresha ivyo bikoresho bigenewe impumyi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika