Integuro y’ukwiga
MUNYONYO 2019
IBIGANIRO VY’UKWIGA KUVA KU WA 30 KIGARAMA 2019–2 RUHUHUMA 2020
© 2019 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
Iki kinyamakuru si ico kugurisha. Gitanzwe mu bijanye n’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose c’ukwigisha Bibiliya gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. Wipfuza gutanga intererano, nuje kuri donate.jw.org.
Kiretse aho vyerekanywe ukundi, amajambo yo mu Vyanditswe yakoreshejwe yakuwe muri Bibiliya y’isi nshasha, yahinduwe hakoreshejwe imvugo ya none.
ISHUSHO YO KU GIPFUKISHO:
Ku Musi w’impongano, umuherezi mukuru wa Isirayeli yarinjira Aheranda Rwose ajanye imibavu be n’amakara yaka umuriro kugira yuzuze ico cumba cose akamoto keza. Mu nyuma, yarasubira kwinjira Aheranda Rwose ajanye amaraso y’ishikanwa ry’igicumuro (Raba ikiganiro c’ukwiga ca 47, ingingo ya 4)