Ivyo dusanga kuri JW.ORG
Guhera kuri iyi nomero, Umunara w’Inderetsi uzoza uraremesha abantu gusoma ibiganiro bishasha vy’urukurikirane vyahoze bisohoka mu binyamakuru vyacu, ubu bikaba biri ku rubuga rwacu rwa jw.org.
ICOFASHA UMURYANGO
Gutwarwa n’ishavu cokimwe no kurinigira mu menshi birashobora kubangamira amagara yawe. None wokwicungera gute igihe ushikiwe n’ibintu bitera ishavu?
(Nuje ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INGO N’IMIRYANGO.)
BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU
Antonio yari inkazi, akanywa ibiyayuramutwe kandi akaborerwa, bica bituma abona ko ubuzima butagira intumbero. None ni igiki catumye ahindura ivyiyumviro?
(Nuje ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > AMAHORO N’AGAHIMBARE.)