Ibirimwo
INDWI YO KU WA 31 KIGARAMA 2019–6 NZERO 2019
INDWI YO KU WA 7-13 NZERO 2019
Ibi biganiro bibiri biraturemesha gufatana uburemere ukuri kw’agaciro ntangere Yehova aturonsa. Agaciro k’ukwo kuri kararengeye cane ibintu vyose twokwemera guheba kugira tukuronke. Ivyo biganiro biratwereka kandi ico twokora kugira twiyemeze yuko tuguma tubona ko ukwo kuri ari ubutunzi kandi ko tutazokwigera tuguheba canke ngo turenge ku kintu na kimwe Yehova atwigisha.
INDWI YO KU WA 14-20 NZERO 2019
13 Niwizigire Yehova maze ubeho!
Igitabu ca Habakuki kirerekana ingene twoguma twizigiye Yehova igihe turi mu bintu bitesha umutwe. Iki kiganiro kiradufasha kubona ko naho umubabaro n’ibigeragezo vyokwongerekana, impera n’imperuka tuzotabarwa nitwizigira Imana.
INDWI YO KU WA 21-27 NZERO 2019
18 Wisunga ivyiyumviro vya nde?
INDWI YO KU WA 28 NZERO 2019–3 RUHUHUMA 2019
23 Woba uriko wisunga ivyiyumviro vya Yehova?
Uko dutera imbere mu vy’impwemu, turatahura ko ivyiyumviro vya Yehova biruta ibindi vyose. Ibi biganiro bibiri birasigura ingene twokwirinda kwoshwa n’ivyiyumviro vy’isi, tukisunga nyabuna ivya Yehova.