Ibirimwo
3 Baritanze babikunze—Muri Madagaskari
INDWI YO KU WA 26 RUHUHUMA 2018–4 NTWARANTE 2018
Iyo turengewe n’imikazo yo mu buzima, twokora iki? Iki kiganiro kiraca irya n’ino icanditswe c’umwaka wa 2018 kandi kirerekana igituma dukeneye inkomezi ziva kuri Yehova be n’ingene azituronsa.
INDWI YO KU WA 5-11 NTWARANTE 2018
12 Icibutso kiratuma twunga ubumwe
Muri uyu mwaka, Icibutso c’urupfu rwa Kristu kizoba ku wa gatandatu, itariki 31 Ntwarante 2018. Twokwitegurira gute ico Cibutso, tuzohungukira gute nitwacitaba, kandi urwo rubanza ruba buri mwaka rufasha gute abasavyi b’Imana aho bari hose kwunga ubumwe? Iki kiganiro kirishura ivyo bibazo.
INDWI YO KU WA 12-18 NTWARANTE 2018
17 Kubera iki twoha Umwe afise vyose?
Ivyo dufise vyose biva kuri Yehova. Ariko rero, yiteze ko dukoresha ubutunzi bwacu mu gushigikira igikorwa ishirahamwe ryiwe rirangura muri iki gihe. Iki kiganiro kirerekana igituma twungukira ku gutera iteka Yehova dukoresheje ibintu vyacu vy’agaciro be n’ingene twobigenza.
INDWI YO KU WA 19-25 NTWARANTE 2018
22 Ni urukundo nyabaki ruzana agahimbare nyakuri?
INDWI YO KU WA 26 NTWARANTE 2018–1 NDAMUKIZA 2018
27 Ubudasa hagati y’abakorera Yehova n’abatamukorera
Ikiganiro ca mbere kirerekana ko agahimbare nyakuri katava ku rukundo rutari rwo rwiraye muri iyi “misi ya nyuma,” ahubwo ko kava ku gukunda Imana. (2 Tim. 3:1) Ikiganiro ca kabiri kirerekana ingene ingeso ziranga abantu bo mu misi ya nyuma zitandukanye cane na kamere abasavyi b’Imana bagaragaza.
32 Wari ubizi?